Pular para o conteúdo
Publicidade

Mundo

Por Bíblia Online

A Bíblia tem muito a dizer sobre o mundo e nossa relação com ele. Cristãos estão no mundo, mas não são do mundo — chamados a ser luz e sal sem se conformar com os padrões seculares.

Não ameis o mundo

Não ameis o mundo nem o que nele há. A cobiça da carne, a cobiça dos olhos e a soberba da vida não vêm do Pai, mas do mundo.

Ntimugakunde isi

Ntimugakunde isi canke ikintu cose kiri mw’isi. Iyo umuntu akunze isi, ugukunda Data ntikuba kuri muri we.

Ntimugakunde isi

Ntimugakunde isi canke ikintu cose kiri mw’isi. Iyo umuntu akunze isi, ugukunda Data ntikuba kuri muri we. Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.

Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.

Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.

Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.

Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.

O amor de Deus pelo mundo

Porque Deus amou o mundo de tal maneira que deu seu Filho. O mesmo mundo que rejeita a Deus é amado por Ele e objeto de sua redenção.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.

Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.

Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.

Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.

Vencer o mundo

Jesus venceu o mundo e nos dá sua paz e vitória. A fé é a vitória que vence o mundo — e aquele que nasceu de Deus o vence.

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."

kuko uwavyawe n’Imana wese anesha isi, kandi ikuduha iyo ntsinzi ni ukwizera kwacu.

kuko uwavyawe n’Imana wese anesha isi, kandi ikuduha iyo ntsinzi ni ukwizera kwacu.

Nta muntu ashobora kunesha isi atizeye ko Yesu ari Umwana w’Imana.

Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.

No mundo sem ser do mundo

Jesus orou: não peço que os tires do mundo, mas que os guardes do mal. Somos enviados ao mundo como embaixadores do Reino.

Nabahaye ijambo ryawe, kandi isi yarabanse kuko batakiri abayo, nk’uko nanje ntari uwayo.

Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi.

Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uwayo. Bezeshe ukuri; ijambo ryawe ni ryo kuri. Nk’uko wantumye mw’isi, nanje ndabatumye mw’isi.

Data ugororotse, naho isi itakuzi, jewe ndakuzi, kandi aba barazi ko ari wewe wantumye. Narakumenyekanishije muri bo, kandi nzobandanya ndakumenyekanisha kugira ngo urukundo unkunda rube muri bo kandi nanje mbe muri bo."

Igihe co gucira iyi isi urubanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze.

Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.

Urwanko rw’isi

Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka. Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.

Sal e luz

Vós sois o sal da terra e a luz do mundo. O cristão transforma o ambiente onde está, sem se conformar com os padrões mundanos.

Abizera ni umunyu n’umuco

Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawuhonyanga.

Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa.

Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.

Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?

Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe?

Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana!

Arababwira ati: "Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.

Arababwira ati: "Nimugende mw’isi yose, mubwire Ubutumwa Bwiza abaremwe bose.

Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?

Não se conformar

Não vos conformeis com este mundo. A religião pura é guardar-se da corrupção do mundo e viver segundo o Espírito de Deus.

Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.

Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.

Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.

Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.

Idini ryemewe kandi ritunganye imbere y’Imana Data wa twese ni ukwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo no kwirinda kwanduzwa n’isi.

Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,

A batalha espiritual

A nossa luta não é contra carne e sangue. Os poderes do mundo são reais, mas o que está em nós é maior que o que está no mundo.

Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.

Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.

Naho tuba muri iyi si, ntitugwana nk’abiyi si.

Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu.

None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umusesanguzi w’amajambo w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju? Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.

Ariko Imana yahisemwo ivy’ubujuju vy’iyi si kugira ngo imaramaze abiyita abanyabwenge, kandi yahisemwo ibinyantege nke vy’iyi si kugira ngo itetereze ibinyenkomezi.

Imana yahisemwo ibitagira ikimazi vy’iyi si n’ibikengerwa ndetse n’ibitariho kugira ngo ihindure ubusa ibiriho. Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.

Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,

Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzojana tuyivuyeko. Iyo turonse ivyo turya n’ivyo twambara, biba bidukwiye.

Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzojana tuyivuyeko. Iyo turonse ivyo turya n’ivyo twambara, biba bidukwiye.

Pertencemos a Deus

Do Senhor é a terra e tudo o que nela existe. Vivemos neste mundo como peregrinos, desejando a pátria celestial.

Isi ni iyUhoraho, n’ibiri muri yo vyose,

isi n’ababa muri yo bose;

kuko yashize amatanguriro yayo ku biyaga

akayishinga ku mazi menshi.

Amajuru ni ayawe, n’isi na yo ni iyawe;

washizeho isi n’ibiri muri yo vyose.

Ese ingene ivyiza ari vyinshi

ivyo wabikiye abakwubaha,

ngo ubicuncuburire mu maso ya bose,

ku bahungira muri wewe.

Uhoraho aganje ibihe bidashira;

yashinze intebe yiwe y’ubwami ngo ace imanza.

Aganza isi mu bugororotsi

kandi acira imanza amoko mu kuri.

Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi. Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.

Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.

Yesu ni umuco w’isi

Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: "Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo."

Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira. Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa rubi. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko.

Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira. Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ivy’ukugororoka hamwe n’ivyurubanza. Ivy’icaha kuko banse kunyizera. Ivy’ukugororoka, kuboneka kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona. Ivy’urubanza, kuko umutware w’iyi si yamaze gutsindwa n’urubanza.

Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.

Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi. Bazoba bavuga bati: "Ukwo kugarukayasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa." Ariko biyibagiza ibigirankana ko amajuru yabayeho n’isi ikaremwa ikuwe mu mazi kandi igizwe n’amazi, biremwe n’Ijambo ry’Imana. Mu nyuma, ayo mazi nyene ni yo yarengeye isi y’ico gihe arayihonya. Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uwo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.

Umubabaro uvuye ku Mana utera ukwihana, ukwihana na kwo gushikana ku gakiza, kandi ntutera ukwicuza. Ariko umubabaro wo muri iyi si ujana mu rupfu.

Ab’isi nzobahanira ibibi bakoze,

n’abagarariji ndabahanire ivyaha vyabo.

Abishira hejuru nzobamara ubwibone,

ncishe bugufi agasuzuguro k’abanyacubahiro.

Ntimugatangare, bene Data, isi niyabanka.

Turazi ko turi abana b’Imana, kandi ko isi yose iri musi y’ububasha bwa wa mubi.

Urunganwe ruraza urundi rukagenda,

ariko isi igumaho ibihe vyose.

Izuba riraseruka bwije rikarenga,

hanyuma rikihutira gusubira iyo riserukira.

Umuyaga uhuha uja mu bumanuko,

hanyuma ugahindukirira mu buraruko,

ukagenda uzunguruka,

ukama usubiramwo inzira yawo.

Inzuzi zose zitemba zija mu kiyaga,

ariko ikiyaga nticigera cuzura.

Aho za nzuzi zatanguriye,

ni ho amazi asubira.

Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.

Yesu Kristo ntahinduka: uko yari ari ejo ni ko ari uno musi n’ibihe bidashira.

Yesu nawe avyumvise aca abwira Yayiro ati: "Ntutinye, ariko wizere gusa, araja gukira."

Ni ivy’ukuri ko kubera igicumuro c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe nyene, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo.

Ibinyoma vyiwe bizotuma ashishikara kuja imbere, bitume yishira hejuru; kandi azokwica abantu benshi giturumbuka yongere agwanye Umwami w’abami, mu nyuma azovunagurwa, ariko bitavuye ku nkomezi z’umuntu.

Seja o primeiro