Nascimento
O nascimento é obra das mãos de Deus. Cada criança é formada por Ele no ventre materno com propósito e amor. A Bíblia celebra a vida desde a concepção até a eternidade.
O nascimento de Jesus
O maior nascimento da história mudou o curso da humanidade. Jesus nasceu de uma virgem pelo poder do Espírito Santo, conforme as profecias.
Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera. Kubera ko Yosefu yari umuntu atunganye, yiyumvira ingene yomuheba mu mpisho, kuko atagomba kumutetereza mu bantu.
Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: "Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera. Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo."
Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo: "Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli" (bisobanurwa ngo "Imana iri kumwe natwe").
Yosefu amaze kwikangura, aca akora ivyo umumarayika w’Umwami Imana yamubwiye, atwara Mariya iwe nk’umugore wiwe. Ariko ntibigeze baryamana nk’umugore n’umugabo kugeza amaze kuvyara uwo mwana w’umuhungu; hanyuma amwita Yesu.
Ko bimeze uko Imana izokwitangira ikimenyetso yo nyene: inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli.
Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi.
Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: "Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu. Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo."
Mariya abaza uwo mumarayika ati: "Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?"
Na we aramwishura ati: "Mpwemu Yera azokuzako, maze ubushobozi bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana uzovyara azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.
Formados desde o ventre
Deus nos teceu no ventre de nossa mãe. Antes de nascermos, Ele já nos conhecia e nos separou para um propósito sagrado.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe
igihe naremerwa mw’ibanga,
igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.
Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;
imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe
imbere yuko habaho n’umwe.
"Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi,
n’imbere y’uko uvuka nari naramaze kukurobanura;
naguhisemwo ngo ube umuvugishwa wanje ku mahanga."
Ariko ni wewe wankuye mu nda ya mama,
wampaye kukwizigira no mu gihe nari kw’ibere rya mama.
Nashizwe mu maboko yawe kuva nkivuka;
kuva nkiri mu nda ya mama wamye uri Imana yanje.
Kuva nkivuka namye nisunga wewe;
wankuye mu nda ya mama.
Nzokwama ndaguhimbaza.
Mbega umuvyeyi yokwibagira umwana yonsa,
akareka kugirira impuhwe uwo yavyaye?
Naho we yomwibagira,
jewe sinzokwibagira.
Mbega nzoshitsa umugore ku mwanya wo kuvyara, hanyuma sindamureke ngo avyare?"
ni ko Uhoraho abaza.
"Mbega ndapfunga inda y’umuvyeyi hageze ko avyara?"
ni ko Imana yawe ibaza.
Crianças — bênção e promessa
Jesus acolheu as crianças e disse: delas é o Reino dos céus. Os filhos são herança do Senhor e motivo de alegria para os pais.
Maze Yesu arababwira ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo."
Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru. Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye.
Nuko aterura ba bana, abarambikako ibiganza, arabahezagira.
Abana ni umugabane uva k’Uhoraho,
uruvyaro ni impera atanga.
Nariko ndasaba uwu mwana, none Uhoraho yampaye ico namusavye.
Kuko ibikorwa vyawe biranezereza, ewe Uhoraho;
ndirimbishwa n’umunezero kubera ibikorwa vy’inkoke zawe.
Nascer de novo
Jesus ensinou que é preciso nascer de novo para ver o Reino de Deus. O novo nascimento é espiritual — pelo Espírito e pela Palavra.
Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri."
Iyo umugore agira yibaruke, agira umubabaro mwinshi kuko igihe ciwe co kwibaruka gishitse; ariko iyo umwana amaze kuvuka, yibagira wa mubabaro wiwe kuko anezerejwe no kubona ikibondo kivutse mw’isi.
Nta muntu yavyawe n’Imana abandanya acumura, kuko afise imbuto y’Imana muri we. Ntashobora kubandanya acumura kuko Imana ari Se.
Nimumuririmbire, mumuhimbaze;
muvuge ibikorwa vyiwe bihambaye.