Nem só de pão vive o homem
'Nem só de pão vive o homem' — essa declaração de Jesus ao diabo no deserto revela que a Palavra de Deus é o verdadeiro alimento que sustenta a vida em plenitude.
O verdadeiro alimento
Quando tentado a transformar pedras em pão, Jesus respondeu com a Escritura: a vida humana depende de toda palavra que sai da boca de Deus.
Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’"
Satani aramubwira ati: "Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira iri buye rihinduke umukate."
Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa.’"
Yabacishije bugufi mu kubareka ngo musonze, hanyuma ibagaburira manu, iyo mutari bwigere mumenya, yaba mwebwe canke ba sogokuruza banyu, kugira ngo ibigishe ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko ko ashobora gutungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Uhoraho.
Jesus, o pão vivo
Jesus é o pão da vida que desceu do céu. Quem come deste pão viverá para sempre. Ele é o sustento que satisfaz a fome da alma.
Yesu arabishura ati: "Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.
Ni jewe mukate w’ubugingo.
Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo."
Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje. Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira."
Buscar o Reino acima de tudo
Não andeis ansiosos pelo que comer ou beber. Buscai primeiro o Reino de Deus, e todas estas coisas vos serão acrescentadas.
Ntimukiganyire
Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya kandi umubiri nturuta cane ivyambarwa?
Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo. Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudasiba, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye. Ahubwo nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana, ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.
Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: "Rabi, gira ico ufunguye."
Ariko arababwira ati: "Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi."
Abigishwa barabazanya bati: "Mbega hari uwoba yamuzaniye ivyokurya?"
Yesu arababwira ati: "Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.
Naho umusukoni wanje utoshurika,
inzabibu zanje ntizame,
naho umwimbu wa elayo worumba
imirima ntigire ico yera,
naho intama zohera mu rugo,
umukuku ugahera mu ruhongore,
nzonezererwa Uhoraho,
nzohimbarirwa Imana y’agakiza kanje.
Uhoraho Nyeninganji ni we nkomezi zanje;
akomeza ibirenge vyanje nk’ivy’ingeregere,
anshoboza kugendera ku dutwe tw’imisozi.
Ku mukuru w’abaririmvyi: Iri sengesho rizoririmbwe hakoreshejwe ibicurarangisho vy’imirya.