Publicidade

Nova aliança

Por Bíblia Online

A Nova Aliança é o pacto de graça que Deus estabeleceu através de Jesus Cristo. Diferente da antiga, ela é escrita no coração, mediada pelo sangue de Cristo e acessível a todos.

A profecia da Nova Aliança

Jeremias profetizou uma aliança nova em que Deus escreveria sua lei no coração do povo. Essa promessa se cumpriu em Cristo.

"Igihe kiraje," ni ko Uhoraho avuze,

"aho nzogirana isezerano rishasha

n’inzu ya Isirayeli

hamwe n’inzu ya Yuda.

Ntirizoba risa na rya sezerano

nagirana na ba sekuruza babo,

aho nabafata ukuboko

nkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa,

kuko bavuye mw’isezerano ryanje,

naho nari Shebuja,"

ni ko Uhoraho avuze.

"Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli

inyuma y’ico gihe," ni ko Uhoraho avuze.

"Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo,

ndavyandike mu mitima yabo.

Nzoba Imana yabo,

na bo babe abantu banje.

Ntibazosubira kwigisha ababanyi babo,

canke ngo babwirane hagati yabo bati: Menya Uhoraho,

kuko bose bazomenya jewe,

kuva kuri muto muri bo kugeza ku mukuru,"

ni ko Uhoraho avuze.

"Kuko nzobaharira ibibi vyabo

kandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo."

Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.

Iyo isezerano rya mbere rija kuba ritagira amahinyu, nta sezerano rya kabiri ryo kurisubirira ryari rikenewe.

Imana ivuze ko iri sezerano ari "rishasha", bisigura ko yatse agaciro irya mbere; kandi ikimaze gutakaza agaciro kiba kigira kizimangane.

Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.

Selada com sangue

Jesus instituiu a Nova Aliança na Última Ceia: 'Este cálice é a nova aliança no meu sangue.' Seu sacrifício é definitivo e perfeito.

Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: "Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.

Yongera afata igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati: "Nimwakire munyweko mwese. Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.

namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.

Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.

Iyo hari ikete ryo kuraga, biba nkenerwa kwerekana ko uwanditse iryo kete yamaze gupfa. Ivyanditse muri iryo kete ryo kuraga bishirwa mu ngiro iyo uwavyanditse yamaze gupfa. Akiriho, ivyanditswe muri ryo ntibishobora gushirwa mu ngiro. Ni co gituma n’isezerano rya mbere na ryo ryagiye mu ngiro habanje guseseka amaraso. Kuko Mose amaze gusomera abantu bose amabwirizwa y’Imana, yakiriye amaraso y’impfizi n’ayimpene hamwe n’amazi, ayamijagira kuri ca gitabu c’ivyagezwe vy’Imana no ku bantu bose, akoresheje amashami y’agati kitwa ezobu n’ubwoya bw’intama bwera cane. Maze aravuga ati: "Aya ni amaraso y’isezerano Imana ibategeka kwitondera."

Kristo yitanze rimwe gusa

Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga. Iyo biba vyarashoboye gutunganya rwose abegera Imana bayisenga, vyari kuba vyarahagaritswe gutangwa kuko batari kuba bacumva ijwi ribagiriza icaha. Ahubwo ivyo bimazi vyama bibibutsa ivyaha vyabo uko umwaka utashe. Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.

Reconciliação e vida nova

Pela Nova Aliança somos reconciliados com Deus, trazidos para perto pelo sangue de Cristo e feitos embaixadores da reconciliação.

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse. Kandi ivyo vyose biva ku Mana yo yaduhaye kwuzura na yo biciye muri Kristo, ica iduha n’igikorwa c’umwuzuzo. Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo. None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana. Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura, ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.

Ivyo turabizi neza kubera ukwizigira Imana guhambaye dufise muri Kristo. Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose. Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.

Turi umwe muri Kristo

Nuko mwibuke ko kera mwebwe Abanyamahanga mwitwa "abatakebwe" n’abo biyita "abakebwe" (bakebwe ku mubiri n’intoke z’abantu). Mwibuke ko ico gihe mwari mutandukanijwe na Kristo, mutagira ubwenegihugu muri Isirayeli kandi ata co mwiteze ku masezerano Imana yasezeranye na bo, ntimwagira ivyizigiro kandi nta Mana mwari mufise mw’isi. Ariko ubu, mumaze kuba muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure y’Imana kera mwigijwe hafi yayo biciye mu maraso ya Kristo.

Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_23-13-58-