Pecado
O pecado é a realidade que separa a humanidade de Deus. Mas a Bíblia também revela a solução: o sangue de Cristo que nos purifica e a graça que nos liberta de toda condenação.
A universalidade do pecado
Todos pecaram e carecem da glória de Deus. Não há justo, nem sequer um. O pecado entrou no mundo por um homem, mas a graça veio por Jesus.
Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana.
Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana. Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera ko tugororotse mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.
Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana ko agororotse, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.
Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
Kuko twese twahindutse abanduye,
kandi ivyo twakora nk’ukugororoka vyose vyabaye nk’imishambara yanduye.
Twese twakabiranye nk’ibabi,
ivyaha vyacu bidukubeba nk’umuyaga.
Umuntu wese acumura aba arenze icagezwe n’Imana; kuko gukora icaha ni ukugarariza icagezwe n’Imana.
Liberdade da condenação
Não há condenação para os que estão em Cristo Jesus. Ele nos libertou da lei do pecado e da morte para vivermos em novidade de vida.
Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda. Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’ic’urupfu.
Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu. Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana. Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.
None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe! Mbega ntimuzi ko iyo umuntu yahisemwo kuganzwa n’ikintu ahinduka umugurano waco? Umuntu ashobora kuba umugurano w’icaha, bikamushikana ku rupfu, canke agahitamwo kwumvira Imana, bikamushoboza kubaho ubuzima bugororotse. Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye. Ubu mwarabohowe ntimukiri abagurano b’icaha, ahubwo mwahindutse abagurano bo kugororoka.
None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!
Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantegenke ajakariye icaha. Nanje ubwanje sinitahura, kuko ivyo nipfuza gukora si vyo nkora, ahubwo nsanga nakoze ivyo nanka. None rero iyo menye ko ivyo nkoze ntashaka gukora ari bibi, mba nemeje ko ivyagezwe ari vyiza. Kandi ko nkora ivyo ntashaka, vyerekana ko atari jewe ndabikora, ariko ko ari icaha kiba muri jewe.
Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.
Confissão e perdão
Se confessarmos os nossos pecados, Deus é fiel e justo para nos perdoar e purificar de toda injustiça. A confissão liberta a alma.
Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe. Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.
Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.
Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri.
Ngirira imbabazi, ewe Mana
kubera urukundo rwawe rudashira;
kubera impuhwe zawe nyinshi
nufute ibigabitanyo vyanje.
Nyoza ukugabitanya kwanje kwose
unyoze icaha canje.
Nacumuye kuri wewe, wewe wenyene,
nakoze ibibi mu nyonga hawe;
ari na co gituma uvuga ukuri mu manza uca
kandi ata co ugawa iyo uciye urubanza.
Ni ukuri navukiye mu vyaha,
ndi umunyavyaha kuva mama akinsama inda.
Ariko washatse ko mba umwizigirwa n’igihe nari mu nda;
wanyigishije ubwenge nkiri aho hantu hihishije.
Unyogeshe ezobu, nanje ndahumanuka;
unyoze, nanje ndera derere kurusha shelegi.
Umpe kwumva umunezero n’agahimbare;
amagufa wavunaguye anezerwe.
Hisha inyonga zawe ivyaha vyanje
uhanagure ukugabitanya kwanje.
Ni kuko nakwemereye icaha canje
sinanyegeza ukugabitanya kwanje.
Naravuze nti: "Ndaturira Uhoraho
ukugabitanya kwanje."
Nawe wampariye
ugucumura kwanje.
Hahiriwe umuntu
Imana yababariye ibikorwa vyiwe bibi;
ivyaha vyiwe bigaharirwa.
Uhoraho, ku bw’izina ryawe,
mparira ukugabitanya kwanje, naho ari ugukomeye.
Niwibuke, Uhoraho, imbabazi zawe nyinshi n’urukundo rwawe,
kuko biriho uhereye kera hose.
Ntiwibuke ivyaha vyo mu buto bwanje
n’inzira zanje z’ubugarariji;
nyibuka ku bw’urukundo rwawe,
kuko wewe, Uhoraho, uri mwiza.
Ariko ni nde yoshobora kwimenyako amakosa?
Umparire ivyaha vyanyinyegeje.
Uwuhisha ivyaha vyiwe nta mahirwe agira,
ariko uwuvyatura akabiheba agirirwa ubuntu.
Vencendo o pecado
Cristo nos resgatou e nos restaurou. Devemos mortificar as obras da carne, fugir do pecado e prosseguir em santidade.
Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.
Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo."
Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura, ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.
ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.
Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.
Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.
Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.
Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.
Ntimwifatanye n’ibikorwa vy’impfagusa bikorerwa mu mwijima, ahubwo mubishire ahabona. Biteye n’isoni kuvuga ivyo abatumvira Imana bakorera mu mpisho.
"Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha," kandi izuba ntirirenge mugishavuye,
Responsabilidade e restauração
O pecado tem consequências, mas Deus restaura o arrependido. Devemos corrigir uns aos outros com mansidão e cobrir o pecado com amor.
Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.
Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we. Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.
Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So.
Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So.
Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agakororerwa i bwina mu kiyaga.
Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?
Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.
Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.
Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.
Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.
Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.
Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.
Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.
Fuga do pecado
Bem-aventurado o que não anda no conselho dos ímpios. O caminho do justo é guardado pelo Senhor, e sua Palavra nos protege da queda.
Hahiriwe umuntu
adakurikiza impanuro z’abanyakibi,
ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,
canke ngo yicarane n’abacokoranyi,
Rongora intambuko zanje nk’uko ijambo ryawe ryavuze;
ntureke ngo hagire ikibi kinganza.
Intungane igenda ata co yinona,
ariko uwuca mu nzira zigoramanze azomenyekana.
Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ibitsina, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina n’abafise ibisa n’ivyabo, abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana.
Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: "Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira." Nuko Yesu asohoka yambaye urugori rw’amahwa ku mutwe n’impuzu y’ubwami. Pilato arababwira ati: "Ng’uwu wa muntu!"
Abaherezi bakurubakuru n’abarinzi b’urusengero bamubonye, barasemerera bati: "Nabambwe! Nabambwe!"
Pilato arabishura ati: "Nimumujane mwebwe mumwibambire kuko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira."
Umuntu wese muzoharira ivyaha, azobiharirwa; kandi uwo mutazobiharira, ntazobiharirwa."
Niwakora ibitunganye, uzoshimwa. Ariko niwakora ibidatunganye, icaha kibunze ku muryango kandi gishaka kukuganza, ariko ukwiye kukinesha."