Perseguição
Jesus advertiu que seus seguidores seriam perseguidos pelo mundo. Mas a perseguição não é sinal de fracasso — é sinal de fidelidade. Bem-aventurados os que sofrem por causa da justiça.
Perseguição como marca do discípulo
Jesus disse: se o mundo vos odeia, sabei que antes de vós odiou a mim. Todo o que quer viver piedosamente será perseguido.
Urwanko rw’isi
Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka.
Mu vy’ukuri, umuntu wese ahisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa.
Hahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Namwe muzoba muhiriwe abantu nibabatuka, bakabahama, bakabavugako bababeshera ibibi vyinshi babampora.
Muzoba muhiriwe abantu nibabanka,
bakabakumira, bakabatuka,
bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi,
babahora Umwana w’Umuntu.
Recompensa na perseguição
Os perseguidos por causa de Cristo receberão grande galardão no céu. Quem perde por amor ao evangelho receberá cem vezes mais.
Yesu na we arabishura ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe yasize inzu, abavukanyi, se canke nyina, abana canke amatongo yiwe kubera Ubutumwa Bwiza, atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.
Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu?
Ni co gituma, ku bwa Kristo, nezerererwa intege nke, ibitutsi, imiruho, uguhamwa, n’ingorane. Kuko iyo ndi umunyantegenke ari ho mba umunyenkomezi.
Amor e confiança em meio à adversidade
A Bíblia nos ensina a amar nossos perseguidores, abençoar os que nos maldizem e confiar que nossos tempos estão nas mãos de Deus.
Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi,
Muhezagire ababagirira nabi, ntimubavume ahubwo mubahezagire.
Ibihe vyanje biri mu biganza vyawe;
nkura mu maboko y’abansi banje,
mu maboko y’abampiga.
Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,
sinzogira ikibi ntinya,
kuko uri kumwe nanje;
inkoni yawe n’ubuhiri bwawe
ni vyo binkingira bikampumuriza.
Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.
Maze ngwa hasi hanyuma numva ijwi rimbarira riti: ‘Sawuli! Sawuli! Uriko umpamira iki?’