Publicidade

Protecção e segurança

Por Bíblia Online

Deus é nosso protetor e refúgio seguro. Em todas as circunstâncias, a Bíblia nos assegura que o Senhor guarda, sustenta e protege aqueles que nele confiam.

Deus, a nossa fortaleza

O Senhor é refúgio e fortaleza, socorro bem presente na angústia. Quem habita no esconderijo do Altíssimo descansa à sombra do Todo-Poderoso.

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Mw’ijwi ryitwa alamoti. Ni indirimbo.

Imana ni yo buhungiro bwacu n’inkomezi

ni umufasha atabura guseruka mu magorwa.

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Mw’ijwi ryitwa alamoti. Ni indirimbo.

Imana ni yo buhungiro bwacu n’inkomezi

ni umufasha atabura guseruka mu magorwa.

Uwuba mu bwugamo bw’Iyisumbavyose

azokwama ari mu gitutu c’Iyishoboravyose.

Nzobwira Uhoraho nti: "Uri ubuhungiro bwanje n’igihome kinkingira,

uri Imana yanje nizigira."

Azokubundikiriza amoya yiwe,

kandi uzohungira musi y’amababa yiwe;

ubwizigirwa bwiwe ni bwo buzokubera inkinzo n’icuma gikingira igikiriza.

Abantu igihumbi bazogwa i ruhande yawe,

ibihumbi cumi i buryo bwawe,

ariko ntibizokwegera.

Niwavuga uti: "Uhoraho ni we buhungiro bwanje,"

Iyisumbavyose ukayigira ahantu hawe ho kuba,

nta kibi kizogukorako,

nta cago kizokwegera ihema ryawe.

Ni iya Dawidi.

Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje;

none notinya nde?

Uhoraho ni igihome kinkingira;

none ni nde yontera ubwoba?

Ni ukuri ni yo gitandara canje n’agakiza kanje:

ni yo gihome kinkingira, sinzokwigera nyiganyizwa.

Uhoraho abera ubuhungiro impahazwa,

ni igihome co guhungiramwo mu gihe c’ivyago.

O escudo do Senhor

Deus nos rodeia com sua proteção como um escudo. Ele é rocha, baluarte e libertador. Sua fidelidade nos cobre e nos guarda.

Ariko wewe Uhoraho, uri inkinzo inkingira impande zose,

uri icubahiro canje, uwutuma mpagarara nemye.

Zaburi Dawidi yanditse igihe yahunga umuhungu wiwe Abusalomu.

Uhoraho, abanyanka ni benshi!

Abampagurukiye baragwiriye!

Benshi bamvugako bati:

"Imana ntizomukiza."

Ariko wewe Uhoraho, uri inkinzo inkingira impande zose,

uri icubahiro canje, uwutuma mpagarara nemye.

Nambaza Uhoraho,

na we akanyishura ari ku musozi wiwe wera.

Ndaryama ngasinzira;

nkongera nkikangura, kuko Uhoraho ari we anshigikiye.

Sinzotinya naho ingabo ibihumbi vyinshi

zonyugariza impande zose.

Imana yo, inzira yayo iratunganye:

ijambo ryUhoraho ni iry’ukuri;

abera inkinzo abamuhungirako bose.

Agakiza kawe kabaye inkinzo yanje,

kandi ukuboko kwawe kw’i buryo ni kwo kunshigikiye;

ubushobozi bwawe ni bwo bwangize uwuhambaye.

Wanteguriye inzira ncamwo yagutse,

kugira ngo ibirenge vyanje ntibinyerere.

Ni iya Dawidi.

Uhoraho igitandara canje ahimbazwe,

yigisha amaboko yanje kugwana,

n’intoke zanje kuja mu ntambara.

Ni Imana yanje y’urukundo n’igihome kinkingira,

umunara nihishamwo n’umurokozi wanje,

inkinzo yanje, uwo mpungirako,

acisha bugufi amoko musi y’ibirenge vyanje.

wewe uha abami intsinzi,

ugakiza umusavyi wawe Dawidi inkota yica.

Ariko abaguhungiyeko bose banezerwe;

baririmbishwe n’umunezero ibihe bidashira.

Bapfuke ubakingire,

kugira ngo abakunda izina ryawe bakunezerererwe.

Ni ukuri, ewe Uhoraho, ni wewe uhezagira abagororotsi;

ubakikiza ukugira neza kwawe nk’inkinzo.

Ndakwambaje, Mana yanje, kuko uzonyishura;

ntega ugutwi wumve ugusenga kwanje.

Unyereke ibitangaza vy’urukundo rwawe rwinshi,

wewe ukirisha ukuboko kwawe kw’i buryo

abahungira abansi babo muri wewe.

Undinde nk’imbone y’ijisho ryawe;

umpishe mu gitutu c’amababa yawe.

Undinde abanyakibi barondera kunyica,

abansi banje b’abicanyi bankikuje.

Kuko umwami yizigira Uhoraho;

ari mu rukundo rudashira rw’Iyisumbavyose,

ntazonyiganyizwa.

Ukuboko kwawe kuzofata mpiri abansi bawe bose;

ukuboko kwawe kw’i buryo kuzocakira abansi bawe.

Niwaseruka mu rugamba,

uzobatongora bose nk’uwubaturira mw’itanure.

Uhoraho azobamira miyonzwa mu burake bwiwe,

kandi umuriro wiwe uzobatongora.

Ni wewe buhungiro bwanje;

uzonkingira amagorwa

unkikize indirimbo zo kunesha.

Segurança e provisão

O Senhor supre todas as necessidades dos seus filhos. Quem busca o Reino primeiro não precisa temer — nada faltará aos que temem ao Senhor.

Ni Zaburi ya Dawidi.

Uhoraho ni we Mwungere wanje, nta co nkenye.

Intambwe zocika intege zigasonza,

ariko abarondera Uhoraho ntibazokena iciza na kimwe.

Wizigire Uhoraho ukore ivyiza;

guma mu gihugu unezerererwe uburagiro bwiza.

Kuva ndi muto kugeza ubu nshaje,

sinigeze mbona umugororotsi yatawe

canke abana biwe basegerereza ivyokurya.

Imana izobaha ivyo mukeneye vyose nk’uko ubutunzi bw’ubwiza bwayo butangaje buri muri Kristo Yesu.

Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.

Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.

Ntimugire nka bo, kuko Data wo mw’ijuru azi neza ivyo mukeneye imbere y’uko munabimusaba.

Gusaba n’umwete

Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa. Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.

Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, none So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!

Guarda e livramento

O anjo do Senhor acampa ao redor dos que o temem e os livra. Deus promete guardar todas as nossas saídas e entradas para sempre.

Umumarayika wUhoraho acumbitse

hirya no hino y’abamwubaha, akabakiza.

Uhoraho azokiza abasavyi biwe;

nta n’umwe mu bamuhungirako azotsindwa n’urubanza.

Ni indirimbo yo mw’iduga.

Ndunamurira amaso yanje ku misozi;

ugutabarwa kwanje kuva hehe?

Ugutabarwa kwanje kuva kUhoraho,

Umuremyi w’ijuru n’isi.

Ntazoreka ibirenge vyawe ngo binyerere;

uwukuzigama ntazohunyiza;

ni ivy’ukuri, uwuzigama Isirayeli

ntazokwigera ahunyiza canke ngo asinzire.

Uhoraho ni we akuzigama;

Uhoraho ni we gitutu cawe i buryo bwawe;

izuba ntirizokubabaza ku murango,

canke ukwezi mw’ijoro.

Uhoraho azokurinda ikibi cose;

azozigama ubugingo bwawe;

Uhoraho azokuzigama amaja n’amaza

uhereye ubu ukageza ibihe vyose.

Mikitamu ya Dawidi.

Unzigame, Mana yanje,

kuko nguhungiyeko.

Mikitamu ya Dawidi.

Unzigame, Mana yanje,

kuko nguhungiyeko.

Amaso yanje ndayahanga Uhoraho imisi yose.

Ko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa.

Amaso yanje ndayahanga Uhoraho imisi yose.

Ko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa.

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi.

Uhoraho akwishure ku musi w’amagorwa;

izina ry’Imana ya Yakobo rikurinde.

Akurungikire ugutabarwa kuva ahera hiwe,

agushigikire ari i Siyoni.

Zigama ubugingo bwanje unkize;

ntundeke ngo maramare,

kuko nguhungiyeko.

Ugutungana n’ubugororotsi nibinzigame,

kuko ivyizigiro vyanje biri muri wewe, Uhoraho.

Ntukizigire ifarasi ngo igukize;

naho ifise inkomezi nyinshi ntishobora gukiza.

Ariko inyonga zUhoraho ziri ku bamwubaha,

ku bizigira urukundo rwiwe rudashira,

ngo rubakize urupfu

rubazigame bagume ari bazima mu gihe c’ikigoyi.

Turindiriye Uhoraho twihanganye;

kuko ari umutabazi wacu n’inkinzo yacu.

Confiança inabalável

Melhor é confiar no Senhor do que confiar no homem. Quem anda em integridade anda seguro, e a torre forte do nome do Senhor protege o justo.

Uhoraho ari kumwe nanje; sinzotinya.

None abantu buntu bongira iki?

Ni vyiza guhungira kUhoraho

kuruta kwizigira abana b’abantu.

Izina ryUhoraho ni umunara ukomeye;

abagororotsi barihungiramwo bakaba amahoro.

Izina ryUhoraho ni umunara ukomeye;

abagororotsi barihungiramwo bakaba amahoro.

Uwubaha wese afise ubwihisho bukomeye kUhoraho,

kandi uruvyaro rwiwe Uhoraho azorubera ubuhungiro.

kuko Uhoraho ari we azokurinda,

kandi azorinda ibirenge vyawe ngo ntibigwe mu mutego.

Intungane igenda ata co yinona,

ariko uwuca mu nzira zigoramanze azomenyekana.

Ijambo ry’Imana ryose ni iryo kwizerwa;

ni inkinzo ku bayihungirako.

Ijambo ry’Imana ryose ni iryo kwizerwa;

ni inkinzo ku bayihungirako.

Ubugororotsi buzigama umwizigirwa,

ariko umunyakibi azimizwa n’icaha.

Umugororotsi araronka ivyo arya agahaga,

ariko inda y’umunyakibi yamana inzara.

Kuko Uhoraho ni we atanga ubwenge,

kandi mu kanwa kiwe ni ho hava ubumenyi n’ugutahura.

Ni we afise intsinzi y’abagororotsi mu bubiko bwiwe,

kandi ni we nkinzo y’abagenda batunganye.

Ni we azigama inzira z’abagororotsi,

agakingira abamwizigiye.

Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga,

ariko igipfu gipfa kugenda, hanyuma kikisanga mu kaga.

Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara,

ariko intsinzi ni iyUhoraho.

Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,

kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.

A presença protetora

O Senhor prometeu estar conosco e nunca nos desampara. Ele é como sombra à nossa direita e fortaleza em todo o tempo.

Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."

Uhoraho Imana ni we buhungiro bwawe,

akureruye mu biganza vyiwe ibihe vyose.

Azokwirukana abansi bawe

imbere y’uko uvuga uti: Barandure!

Ku muryango wa Benyamini Mose yavuze ati:

"Uwo Uhoraho akunda namuruhukireko atekanirwe,

kuko amukingira ibihe vyose,

kandi uwo Uhoraho akunda, amuhe kuruhukira mu gikiriza ciwe."

Ariko nta kigwanisho cacuriwe kukugwanya kizogira ico kikugira,

kandi uzotsinda uwo wese azoguhagurukira ngo akuburanye.

Uwo ni wo mugabane w’abasavyi bUhoraho,

kandi ni kwo kugororoka kwabo kuva kuri jewe,"

ni ko Uhoraho avuze.

Uzozigamira mu mahoro yuzuye

abo bose bashira ivyiyumviro vyabo kuri wewe,

kuko bakwizigiye!

Mbere no gushika mu myaka yanyu y’ubusaza mukamera imvi,

nguma ndi wa wundi, kandi nzoguma ndabashigikiye.

Ni jewe nabaremye, no kubaterura nzobaterura,

nzobashigikira kandi nzobarokora.

Nk’uko ibisiga bisanza amababa, hejuru y’ivyari

ni ko Uhoraho Mushoboravyose azokingira Yerusalemu;

azohakingira yongere aharokore,

azoca hejuru yaho ahakize.

Nimwige gukora ivyiza.

Murondere guca izigororotse, murenganure abarenganijwe.

Muburanire impfuvyi,

muvugire abapfakazi."

Nimwemera mukanyumvira,

muzorya ku vyiza vyo mu gihugu.

Ariko nimwaguma mungarariza,

inkota izobarya."

Kuko ari ko Uhoraho avuze.

Uhoraho agira abagwanire mwebwe nimutekereze gusa."

Uhoraho ni mwiza,

ni ubuhungiro mu gihe c’amagorwa,

kandi yitaho abamuhungirako.

Promessas de cuidado

Deus garante que nem um fio de cabelo cairá sem sua permissão. Ele deseja que vivamos em paz, confiança e segurança total nele.

Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So wo mw’ijuru atavyemeye. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. None rero, mweho ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.

Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa."

Abantu bose bazobanka babahora izina ryanje. Ariko nta n’agashatsi ko ku mitwe yanyu kazotakara. Nimwihangana, muzorokora ubugingo bwanyu.

Yesu aca arababaza ati: "Igihe nabarungika ata saho, ata mufuko canke ibirato, hari ico mwakenye?"

Baramwishura bati: "Nta na kimwe."

Ubwinshi bw’urukundo rw’Imana

Mbega none tuvuge iki? Nimba Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yodutsinda?

Ni co gituma tuvuga ata bwoba tuti:

"Uhoraho ni we mutabazi wanje; sinzotinya.

None abantu buntu bongira iki?"

Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.

Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe.

Fidelidade e aliança

Deus é fiel à sua aliança. Ele protege cada promessa que faz e guarda os seus como a menina dos seus olhos.

Ariko Umwami ni umwizigirwa, azobakomeza yongere abarinde wa mubi.

Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.

Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva. Kandi uko tuzi ko itwumva iyo dusenze, ni ko tuzi kandi ko iduha ico tuyisavye.

Turazi ko ata muntu yavyawe n’Imana abandanya gukora icaha, kuko Umwana w’Imana aramurinda, kandi wa mubi nta co ashobora kumukorako.

Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe. Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.

Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi.

None ni nde Mana atari Uhoraho?

Kandi ni nde Gitandara atari Imana yacu?

None rero nibiguhimbare guhezagira inzu y’umusavyi wawe, kugira ngo yame imbere y’inyonga zawe ibihe vyose; kuko wewe Uhoraho Nyeninganji, ari wewe wabivuze, kandi inzu y’umusavyi wawe izohezagirwa ibihe vyose ku bw’umuhezagiro wawe."

Aca ashinga ibirindiro i Damasiko ku mugwa mukuru w’i Siriya kandi Abaramu bacika abagurano biwe, bakama bamuzanira amashikanwa yo kumwisaba. Uhoraho yama aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.

Nabanye nawe aho wagiye hose, kandi naherengeteje abansi bawe imbere yawe. None ngira nkuze izina ryawe ribe nk’amazina y’abahambaye bo kw’isi.

Muze mukurikize amategeko yanje kandi mwitwaririke kwumvira ivyagezwe vyanje, ni ho muzoba amahoro muri ico gihugu.

Nshizeho iri sezerano hagati yanje namwe, ko amazi y’umwuzure atazosubira kurandura ibifise ubuzima; ntihazosubira kubaho umwuzure ngo urandure isi."

Ni ukuri, Uhoraho Nyeninganji nta co akora

atabanje kugihishurira

abasavyi biwe b’abavugishwa.

Provisão diária

Deus satisfaz os desejos do coração dos seus filhos. Ele abençoa, renova as forças e sustenta dia após dia quem nele confia.

Ntunkureko imbabazi zawe, ewe Uhoraho;

urukundo rwawe n’ubwizigirwa kwawe vyame binzigama.

Uremeke imitwaro yawe Uhoraho

na we azogushigikira;

ntazokwigera areka

umugororotsi ngo anyiganyizwe.

Ariko jewe nzoririmba ivy’inkomezi zawe,

mu gitondo nzoririmba ivy’urukundo rwawe;

kuko uri igihome kinkingira,

ubuhungiro bwanje mu gihe c’amagorwa.

Ariko umwami azonezererwa mu Mana;

uwirahira mw’izina ry’Imana azohimbarirwa muri we,

ariko akanwa k’ababeshi kazozibwa.

Nimuririmbire Imana, nimuririmbe mushima izina ryiwe,

mutegure inzira y’uwugendera ku bicu;

nimunezererwe imbere yiwe; izina ryiwe yitwa Uhoraho.

Ni we se w’impfuvyi, uwutabara abapfakazi,

ni Imana iba ahera hayo.

Uhoraho ahimbazwe, Imana yo Mukiza wacu,

atwikorerera imitwaro uko bukeye.

Ndi Uhoraho Imana yanyu,

nabaduganye ndabakuye muri Egiputa.

Asama cane nanje nduzuza akanwa kawe.

Kuko Uhoraho Imana ari izuba akaba n’inkinzo;

Uhoraho agira ubuntu agatanga icubahiro;

ntazogira iciza yima

abagenda batunganye.

Abakunda Uhoraho nibanke ibibi,

kuko azigama ubugingo bw’abantu biwe

akabakiza akabakura mu maboko y’abanyakibi.

Uhoraho azigama ba nyarucari;

aho nacishwa bugufi, yarantabaye.

Mutima wanje, subira utekane,

kuko Uhoraho yakugiriye neza.

Kuko wewe Uhoraho, wankuye mu rupfu,

amaso yanje ukayakiza kurira,

ibirenge vyanje ukabikiza gutsitara,

kugira ngo ngendere imbere yUhoraho

mw’isi y’abazima.

Ni wewe buhungiro bwanje n’inkinzo yanje;

nashize ivyizigiro vyanje mw’ijambo ryawe.

Ni indirimbo yo mw’iduga. Ni iya Salomo.

Iyo Uhoraho atari we yubaka inzu,

abubatsi baba baruhira ubusa.

Iyo Uhoraho atari we arinze igisagara,

abararirizi babera maso ubusa.

Aha ni ho nzotuma ihembe rya Dawidi rikura

kandi nzodomeka itara ry’uwo narobanuje amavuta.

Nzotuma abansi biwe bamaramara,

ariko umutwe wiwe uzosharizwa n’urugori rukayangana."

Uhoraho azoshitsa ivyo yasezeranye ku bugingo bwanje;

urukundo rwawe, Uhoraho, rwamaho ibihe vyose;

ntuhebe ibikorwa vy’intoke zawe.

Upfundurura ikiganza cawe

ugahaza ukwipfuza kw’ibiri n’ubuzima vyose.

Ni we aburanira abacinyizwa

akagaburira abashonje.

Uhoraho ni we abohora imbohe,

Uhoraho ni we ahumura impumyi,

Uhoraho ni we ashira hejuru abaciye bugufi,

Uhoraho ni we akunda abagororotsi.

Uhoraho azigama inyambukira

agashigikira impfuvyi n’umupfakazi,

ariko inzira z’abanyakibi arazigoramika.

Nzoryama mu mahoro nsinzire,

kuko wewe wenyene, Uhoraho,

ari wewe umpa kuba mu mutekano.

Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi.

Mwambare ibigwanisho vyose Imana itanga, kugira ngo mushobore guhangana n’ubugunge bwose bwa wa mubi. Kuko mu ntambara yacu ntituriko tugwana n’abafise umubiri n’amaraso, ariko tugwana n’abatware babi, n’abafise ububasha b’ahantu tutabona, n’abanyabushobozi bo mw’isi y’umwijima hamwe rero n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.

Mbega hari uwokwiba Imana? Ariko mwebwe mwaranyivye.

Kandi muribaza muti: Twakwivye gute?Mwanyivye ibigiracumi n’amashikanwa.

Muri musi y’umuvumo mwe n’ihanga ryanyu ryose, kuko munyiba. Nimuzane ikigiracumi gikwiye mu bubiko bwanje, kugira ngo mu nzu yanje habemwo ivyokurya. Ehe nimubingeragereshe, jewe Uhoraho Mushoboravyose, murabe ko ntugurura imiryango yo mw’ijuru, nkabacuncuburirako imigisha mukabura n’aho muyikwiza.

Nzozihezagira, mpezagire n’imitumba izikikuje. Nzozirungikira imvura mu gihe kibereye, imvura y’umugisha.

Ubwenge ni ubwugamo

nk’uko amahera ari ubwugamo,

ariko inyungu y’ukumenya ni iyi:

ni uko ubwenge buzigama ubuzima bw’uwubufise.

Ni muri ubwo buryo nyene, Umwami yategetse ko abavuga Ubutumwa Bwiza bazotungwa n’ubwo Butumwa nyene.

Kuko ugukunda amahera ni wo muzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuyaronka, maze bazimirira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.

Nzosubiza intege abadendebukiwe, mpaze n’abaguye isari."

Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-