Roupas
A Bíblia fala sobre roupas em sentido literal e espiritual. Deus vestiu Adão e Eva, nos veste de salvação e nos chama a revestir-nos de Cristo e de virtudes santas.
Deus provê as vestes
Desde o Éden, Deus cuidou das necessidades dos seus filhos. Ele nos veste de salvação e de justiça, cobrindo nossa vergonha com sua graça.
Ubwo nyene amaso yabo bompi aruguruka, batahura ko bari gusa, baca batangura guterateranya amababi y’ibiti vy’imisukoni kugira ngo baronke ivyo bipfuka.
Maze Uhoraho Imana akorera Adamu na Eva impuzu mu nsato z’ibikoko arabambika.
Nzohimbarwa n’Uhoraho,
umutima wanje unezerererwe Imana yanje.
Kuko yanyambitse umwambaro w’agakiza,
akantwikiriza umutamana w’ukugororoka,
nk’uko umukwe ashariza umutwe wiwe nk’umuherezi,
umugeni na we akishariza n’udusharizo twiwe tw’inzahabu.
Revestidos de Cristo
Pelo batismo, somos revestidos de Cristo. A Bíblia nos exorta a vestir compaixão, bondade, humildade, mansidão e paciência.
Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu, kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.
Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.
Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.
Modéstia e confiança
A beleza verdadeira não está no exterior. A Escritura valoriza o caráter interior acima de adornos e nos ensina a não nos preocupar excessivamente com roupas.
N’abagore na bo ndashaka ko bambara mu buryo bubereye. Bambare bikwize kandi baberwe, ariko ntibarondere kwiyerekana bafatiye ku kugene bakora imishatsi, kwambara inzahabu, amabuye y’agaciro canke impuzu z’igiciro kinini. Ariko bashazishe ibikorwa vyiza, kuko ni vyo bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.
Ntimwiteho cane ubwiza bw’inyuma ku mubiri buhagaze ku buryo kanaka bugezweho bwo gusokoza umushatsi, kwambara ibintu vyo kubashariza bikozwe mu nzahabu, canke impuzu z’igiciro kinini. Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.
Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya kandi umubiri nturuta cane ivyambarwa?
Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzojana tuyivuyeko. Iyo turonse ivyo turya n’ivyo twambara, biba bidukwiye.
Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.
Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Maze Yesu atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: "Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya. Nta cagizwe ibanga kitazomenyekana, kandi nta canyegejwe kitazoshirwa ahabona. Ivyo mwavugiye ahatabona bizokwumvikanira ahabona, kandi ivyo mwongoreraniye mu vyumba abantu bazobivugira hejuru ku mazu basemerera.
Bagenzi banje, umve ndababwire: ntimugatinye abica umubiri ariko inyuma y’ivyo ata kindi bashobora kubagira. Ariko ngira ndababwire uwo mukwiye gutinya: mutinye Imana yo ishobora kwica umubiri, ikagira n’ububasha bwo kuwuta mu muriro wa Gehinomu. Ndababwiye ukuri, abe ari yo mutinya. Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko Imana ntiyibagira na kamwe muri two. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. Nuko rero ntimutinye, kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
Ndababwire ukuri, umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, Umwana w’Umuntu na we azomwemanga imbere y’abamarayika b’Imana. Ariko uwuzonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana. Kandi umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu azobiharirwa, ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa.
Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga. Mpwemu Yera azobigisha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene."
Umwe mu bari ngaho abwira Yesu ati: "Mwigisha, mbwirira uwo tuvukana yemere tugabure ivyo twarazwe."
Yesu aramwishura ati: "Ni nde yangize umucamanza wanyu n’umuhagarikizi wo kubagaburira ivyanyu?" Aca ababwira ati: "Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise."
Aca abacira umugani ati: "Habaye umugabo w’umutunzi yarimye itongo ryiwe aronka umwimbu mwinshi cane. Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’
Aca yigira inama ati: ‘Reka ndabigenze gutya: nsambure ibigega vyanje hanyuma nubake ibibiruta. Gutyo nzoronka aho mbika ingano zanje n’ubundi butunzi. Hanyuma mpeze mbwire umutima wanje nti: "Mutima wanje, icara uruhuke, urye, unywe, unezerererwe ubuzima, kuko ufise ibizogutunga imyaka myinshi." ’
Ariko Imana iramubarira iti: ‘Wa gipfu we, iri joro nyene ubuzima bwawe urabwakwa. None ivyo waruhiye bizoba ivya nde?’
Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana."
Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: "Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho, vyaba ivyokurya canke ivyo kwambara. Ubuzima buraruta cane ivyokurya, kandi umubiri uraruta cane ivyambarwa. Nimwitegereze ibikona: ntibibiba kandi ntivyimbura, ntibigira n’ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira. None mwebwe ntimuruta inyoni kure n’iyo? Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira? Nimba mutishoboza ikintu gito nk’ico, ni kuki mwiganyira ku bindi?
Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu. Ariko ndababwira ko na Salomo ubwiwe mu cubahiro ciwe cose atigeze ashaza nka rimwe muri yo. Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke? Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo. Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudasiba, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye. Ahubwo nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana, ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.
Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami. Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona. Kuko aho ubutunzi bwanyu buri ari ho imitima yanyu izoba.
Mwame mukenyeye kandi amatara yanyu yame yaka, mumere nk’abanyarugo barindiriye ko shebuja ava mu bukwe kugira ngo bace bamwugururira niyashika akadodora. Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira. Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye, naho yoza mu gicugu canke bugiye guca. Mutahure ibi: iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizirako, ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe. Namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze."
Petero aramubaza ati: "Mwami, uwu mugani uwuciriye twebwe gusa, canke uwuciriye bose?"
Umwami Yesu aramwishura ati: "Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye. Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka. Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose. Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa? Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi. Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’abatizera.
Uwo mukozi yari asanzwe azi ivyo shebuja agomba hanyuma ntavyitegurire ngo abikore, azohanwa bikomeye. Ariko uwutazi ivyo shebuja agomba, hanyuma agakora ibitari vyo, azohanwa buhoro. Uwahawe vyinshi azosabwa vyinshi, kandi uwajwe vyinshi azobazwa vyinshi.
Naje kwatsa umuriro kw’isi; ese iyo uba umaze kwaka! Hariho umubatizo w’imibabaro ntegerezwa kubatizwa, kandi urandemereye mu mutima kugeza ndawubatijwe. Mbega mwiyumvira ko naje ngo nzane amahoro kw’isi? Haba na mba! Ahubwo naje gutuma abantu bacanamwo. Uhereye ubu, mu muryango w’abantu batanu bazocanamwo, batatu bagwanye babiri, babiri bagwanye batatu. Umugabo azogwanya umuhungu wiwe, umuhungu na we agwanye se; umugore azogwanya umukobwa wiwe, umukobwa na we agwanye nyina; umugore azogwanya umukazana wiwe, umukazana na we agwanye inabukwe."
Yongera abwira isinzi ry’abantu bari aho ati: "Iyo mubonye igicu kivuye mu burengero, muca muvuga muti: ‘Imvura igira igwe,’ kandi biba uko nyene. Mubonye umuyaga uhuhuse uva mu bumanuko, mukavuga muti: ‘Hagira haze ubushuhe,’ kandi bica biba uko nyene. Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?
Ni kuki mudashobora guca urubanza, mugahitamwo ikibereye? Nihagira umuntu aja kukwitwarira ku mucamanza, wihutire kwiyuzuza na we mutarashikayo. Ahandi ho, azogushikana imbere y’umucamanza, hanyuma na we agutange ku mukuru w’ibohero, maze na we agute mw’ibohero. Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye."
Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.