O sangue de Jesus
O sangue de Jesus é o fundamento da redenção cristã. Através do seu sangue derramado na cruz, recebemos perdão, purificação e acesso à presença de Deus.
O poder redentor do sangue
O sangue de Cristo é o preço do nosso resgate. Sem derramamento de sangue não há remissão de pecados, e Cristo ofereceu o sacrifício perfeito e definitivo.
Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.
Nimba amaraso y’impene n’ay’impfizi z’inka n’umunyota w’inka y’ishashi ituriwe bimijagiwe ku bantu banduye vyarashobora gutuma bahumanuka ku mibiri yabo, namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.
Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.
Ni co gituma na Yesu yapfiriye inyuma y’igisagara kugira ngo ashikane abantu biwe ku kwera akoresheje amaraso yiwe.
Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.
Perdão e purificação
O sangue de Jesus nos purifica de todo pecado. Nele temos redenção e perdão, segundo as riquezas de sua graça.
Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.
Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!
Ariko ubu, mumaze kuba muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure y’Imana kera mwigijwe hafi yayo biciye mu maraso ya Kristo.
Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.
no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe.
Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.
Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.
Ikindi, ko twemewe n’Imana nk’abagororotsi kubera amaraso ya Kristo, nta nkeka ko n’uburake bw’Imana na bwo azobudukiza.
O sangue da aliança
Desde o Êxodo, o sangue é sinal de aliança entre Deus e seu povo. O sangue do Cordeiro pascal prefigurava o sacrifício supremo de Cristo.
Maze Mose akoranya abakuru bose bo mu Bisirayeli arababwira ati: "Ihute mugende muronderere imiryango yanyu imyagazi y’intama, mubage umwagazi wa Pasika. Mufate udushami twa ezobu, mudukoze mw’ibesani irimwo amaraso, muyasige ku bishimaryango hejuru no hirya no hino y’urwinjiriro. Ntihazogire uwusohoka hanze gushika bukeye. Uhoraho niyaca mu gihugu ca Egiputa gutikiza Abanyegiputa hanyuma akabona amaraso ku bishimaryango azoca arengana, ntazokwemera ko umuranduzi yinjira mu nzu zanyu kubatikiza.
Kuko ubuzima bw’icaremwe buri mu maraso yaco, kandi nayabahaye kugira ngo ababere ikimazi co ku gicaniro co kubacungura; amaraso ni yo aba ikimazi c’ubuzima bw’umuntu.
Ariko ntimuze mwigere murya inyama zikirimwo ubuzima, ari yo maraso. Kandi uwuzosesa amaraso y’uwundi muntu nzobimuhanira; n’igikoko na co kizokwica umuntu gitegerezwa gupfa. Umuntu wese azokwica uwundi ategerezwa gupfa na we.
Uwuzosesa amaraso y’umuntu,
amaraso yiwe na we azoseswa n’uwundi muntu;
kuko mw’ishusho y’Imana,
ni ho umuntu yaremwe.
Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo. Amaraso asheshwe ahumanya igihugu, kandi nta mpongano ishobora gutangwa aho amaraso yasesetse, atari amaraso y’uwayasheshe.
Vitória pelo sangue
Os cristãos vencem o acusador pelo sangue do Cordeiro e pela palavra do seu testemunho. O sangue comprou para Deus gente de toda tribo e língua.
Bamuneshesheje
amaraso y’Umwagazi
hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe.
Bemeye guheba ubuzima bwabo,
ntibatinya urupfu.
Murazi ko mwacunguwe mukava mu buzima butagira ikimazi, ubwo mwarazwe na ba sogokuruza. Iyo ncungu si ibintu bishira nk’ifeza canke inzahabu, ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.
Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.
Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, nimutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe. Ariko umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje afise ubugingo budashira, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma.
Uwo Yesu Kristo ni we yaje akiyerekana biciye mu kubatizwa mu mazi no mu gusesa amaraso yiwe ku musaraba; si amazi gusa, ni amazi n’amaraso. Kandi Mpwemu Yera ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ni ukuri.