Santa ceia
A Santa Ceia é uma das ordenanças mais sagradas da igreja cristã. Instituída por Jesus na última noite antes da crucificação, ela celebra seu sacrifício e proclama sua morte até que Ele volte.
A instituição por Jesus
Na noite em que foi traído, Jesus tomou o pão e o cálice, deu graças e os compartilhou com os discípulos, dizendo: 'Fazei isto em memória de mim.'
Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: "Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje."
Yongera afata igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati: "Nimwakire munyweko mwese. Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.
Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: "Nimwakire murye, uwu ni umubiri wanje."
Yongera afata igikombe, ahejeje kugishimira Imana, agiha abigishwa biwe, maze bose bakinywako.
Arababwira ati: "Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi. Ndababwire ukuri, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwunywa ari mushasha mu Bwami bw’Imana."
Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, arawubahereza avuga ati: "Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje utanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka."
Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: "Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.
O significado espiritual
A Ceia é participação no corpo e no sangue de Cristo. Jesus ensinou que quem come de sua carne e bebe de seu sangue tem a vida eterna.
Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo."
Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, nimutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe. Ariko umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje afise ubugingo budashira, kandi nzomuzura ku musi wa nyuma. Kuko umubiri wanje ni ico co kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico cokunywa c’ukuri. Umuntu wese arya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje aguma muri jewe nanje nkaguma muri we. Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje. Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira."
awushimira Imana, arawumanyura, avuga ati: "Uwu ni umubiri wanje utanzwe ku bwanyu. Muzohore mukora gutya munyibuka." Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: "Iki gikombe ni isezerano rishasha ritangujwe n’amaraso yanje. Muzohore mukora gutya, igihe cose mukinywereyeko, mubikore munyibuka." Kuko igihe cose muzorya uwu mukate mukanywera no kuri iki gikombe, muzoba muriko muramenyekanisha urupfu rwanje gushika aho nzogarukira.
Ni co gituma uwurya umukate akanywa no ku gikombe uko bitabereye aba acumuye ku mubiri n’amaraso vy’Umwami. Umuntu wese akwiye kwisuzuma imbere yo kurya uwo mukate no kunywera kuri ico gikombe.
Kuko igihe cose muzorya uwu mukate mukanywera no kuri iki gikombe, muzoba muriko muramenyekanisha urupfu rwanje gushika aho nzogarukira.
A prática da Igreja
Desde os primeiros cristãos, a Ceia do Senhor é parte fundamental da vida comunitária da Igreja, celebrada com reverência e exame de consciência.
Maze abizera bose bashishikara gushira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.
Ku mugoroba w’umusi w’Isabato duhurira hamwe ngo dusangire ingaburo y’Umwami, hanyuma Pawulo arabigisha gushika ijoro rigeze hagati kuko bwaca agenda.
Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.
Ni co gituma uwurya umukate akanywa no ku gikombe uko bitabereye aba acumuye ku mubiri n’amaraso vy’Umwami. Umuntu wese akwiye kwisuzuma imbere yo kurya uwo mukate no kunywera kuri ico gikombe. Kuko uwurya uwo mukate akanywera no kuri ico gikombe adahaye icubahiro umubiri wa Kristo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza.