Publicidade

Separação

Por Bíblia Online

A separação traz dor profunda, mas a Bíblia nos consola com a promessa de que Deus nunca nos abandona. Seja na perda, na distância ou no luto, Ele é nosso refúgio.

Deus está presente na dor

O Senhor está perto dos quebrantados de coração e promete nunca nos deixar órfãos. Na separação, Ele é nosso consolo mais íntimo.

Uhoraho ari hafi y’abafise imitima imenetse

kandi akiza abajanjaguritse imitima.

Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,

sinzogira ikibi ntinya,

kuko uri kumwe nanje;

inkoni yawe n’ubuhiri bwawe

ni vyo binkingira bikampumuriza.

Akiza abafise imitima imenetse

agapfuka inguma zabo.

Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri.

Naho data na mama bonta,

Uhoraho azonyitorera.

Esperança e conforto

A separação não é o fim. Deus transforma a dor em esperança, e o sofrimento presente produz uma glória eterna que supera toda aflição.

Ivyo kuzuka kw’abapfuye

Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku bapfuye bizeye, kugira ngo ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.

Ubwiza tubikiwe

Niyumvira ko imibabaro turimwo ata ho ihuriye na gatoya n’ubwiza tuzohishurirwa,

we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.

Mukwiye kwihangana kugira ngo nimwamara gukora ivyo Imana ishaka muze muhabwe ivyasezeranywe.

Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.

Amor que persevera

O amor verdadeiro é mais forte que a separação. A fé nos sustenta e nos dá a certeza de que o reencontro virá.

Amazi menshi ntashobora kuzimya urukundo;

inzuzi ntizishobora kuruzimanganya.

Niyo umuntu yotanga

ivyo atunze vyose mu nzu yiwe ngo agure urukundo,

yogawa rwose.

Ariko kandi bahita Misipa, bisigura "umunara wo gushibamako", kuko Labani yavuze ati: "Uhoraho agumize amaso yiwe kuri twebwe, nitwamara gutandukana.

Nariko ndasaba uwu mwana, none Uhoraho yampaye ico namusavye. None ubu ndamushikaniye Uhoraho. Ubuzima bwiwe bwose azoba ari uwUhoraho." Maze bapfukamira Uhoraho baramusenga.

Ariko ivyo n’aho nahora nibaza ko bifise agaciro, ubu ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi, kubera ivyo Kristo yakoze. Ikirengeye ivyo vyose, n’uko ubu ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera namenye ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-