Publicidade

Verdade

Por Bíblia Online

A verdade é um dos atributos centrais de Deus e um pilar da vida cristã. Jesus se declarou o caminho, a verdade e a vida. Viver na verdade é viver em liberdade e integridade.

Deus é a fonte da verdade

O Senhor é fiel e verdadeiro em todas as suas palavras. Sua Palavra é a verdade absoluta que ilumina nosso caminho e nos sustenta.

Yesu aramwishura ati: "Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.

Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege, aje ava kuri Data, yuzuye ubuntu n’ukuri.

Kuko ijambo ryUhoraho rigororotse kandi ari iry’ukuri;

ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.

Ijambo ry’Imana ryose ni iryo kwizerwa;

ni inkinzo ku bayihungirako.

Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.

O Espírito da verdade

Jesus prometeu enviar o Espírito Santo, o Espírito da verdade, que nos guia, ensina e nos faz lembrar de tudo o que Cristo disse.

Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira.

Igikorwa ca Mpwemu Yera

Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.

Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.

Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri."

A verdade liberta

Jesus prometeu que conhecer a verdade nos torna livres. A mentira aprisiona, mas a verdade de Deus nos conduz à plenitude.

Ukuri kuzobaha kwidegemvya

Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: "Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje. Muzomenya ukuri, na kwo kuzobaha ukwidegemvya."

Nahisemwo inzira z’ukwizigirwa;

umutima wanje nawushize ku vyagezwe vyawe.

Ndongorera mu kuri kwawe unyigishe,

kuko uri Imana Umukiza wanje,

kandi ni wewe nizigira bukarinda bwira.

Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.

Yahisemwo kutuvyaza ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’ivyeze ubwa mbere mu vyo yaremye vyose.

Vivendo e falando a verdade

Somos chamados a falar a verdade em amor e a rejeitar toda forma de engano. A integridade nas palavras é marca do cristão.

Ahubwo, tuzovuga ukuri mu rukundo, dukure mu buryo bwose, kugeza dushike ku gusa na Kristo, we mutwe w’umubiri ari ryo shengero ryiwe.

Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.

Ni uwutagira umugayo mu buzima bwiwe,

akora ibigororotse,

akavuga ukuri kuvuye mu mutima;

ururimi rwiwe ntiruvuge nabi abandi,

ntagirire nabi mugenziwe,

ntavuge ibibi ku bandi.

aze arinde ururimi rwiwe ikibi

n’iminwa yiwe ayirinde ivyo kubesha.

Iminwa y’umugororotsi ivuga ibibereye,

ariko akanwa k’umunyakibi kavuga amajambo y’ubujuju gusa.

Ushire kure yawe amajambo y’ubupfu,

urinde akanwa kawe kuvuga amajambo mabi.

Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikindi kintu ic’ari co cose. Ico mukwiye kuvuga gusa ni: "Ego" canke "Oya," ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.

Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.

Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri.

Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.

Ukwizera

Ukwizera ni ukudakekeranya ko ivyo wizigiye bizoba; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-