Vida
A vida é um dom precioso de Deus. Desde a concepção até a eternidade, as Escrituras revelam o propósito, o valor e a plenitude da vida que o Senhor nos oferece.
Deus, o autor da vida
O Senhor é quem dá a vida e a sustenta. Cada ser humano foi formado por suas mãos com propósito e intenção divina.
Nuko Uhoraho Imana arema umuntu mu mukungugu wo hasi, ahumekera impwemu y’ubuzima mu mazuru yiwe, maze wa muntu aca aba uwufise ubuzima.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe
igihe naremerwa mw’ibanga,
igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.
Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;
imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe
imbere yuko habaho n’umwe.
Kuko kuri wewe ari ho hari isoko y’ubugingo;
mu nyonga hawe ni ho tubonera umuco.
Nzoririmbira Uhoraho ubuzima bwanje bwose;
nzoririmba ishimwe ry’Imana yanje imisi yose nzoba nkiriho.
A vida em Cristo
Jesus é o caminho, a verdade e a vida. Nele encontramos sentido, plenitude e a promessa de vida abundante e eterna.
Yesu aramwishura ati: "Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.
Igisuma ntikizanwa n’ikindi atari ukwiba, ukwica no gutikiza; ariko jewe naje kugira ngo intama zigire ubugingo, kandi zibugire busagutse.
Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?"
Yesu arabishura ati: "Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.
Uwunyizera wese, inzuzi z’amazi y’ubugingo zizotemba ziva mu mutima wiwe, nk’uko Ivyanditswe bivuga."
si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.
si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.
Vivendo com sabedoria
A Bíblia nos orienta a viver com sabedoria, aproveitando bem o tempo, guardando o coração e buscando a vontade de Deus para cada dia.
Utwigishe guharura imisi yacu,
kugira ngo turonke imitima y’ubwenge.
Ntega amatwi mwana wanje, wemere ivyo nkubwira,
ni ho imyaka yo kubaho kwawe izokwongerekana.
Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,
kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.
Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,
kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.
Uwiga ubwenge aba akunda ubugingo bwiwe,
kandi uwukunda ugutahura azororanirwa.
Abazigama iminwa yabo baba barinze ubuzima bwabo,
ariko abavuga batiyumviriye bikwegera uguhona.
Uwemera gutozwa indero ari mu nzira ijana mu buzima,
ariko uwanka guhanurwa ahubisha abandi.
Ukwubaha Uhoraho ni isoko y’ubuzima,
kugarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.
Uwukurikirana kugororoka no kugira urukundo
aronka ubuzima, kugubwa neza n’icubahiro.
Nuko mwirinde cane uko mubaho, ntimwigenze nk’imburabwenge, ahubwo mwigenze nk’abanyabwenge. Akaryo kose muronse mugakoreshe neza, kuko imisi ari mibi.
A vida no dia a dia
Cada dia é uma oportunidade de glorificar a Deus. A Escritura nos chama a viver com propósito, confiança e fé prática.
Nyereka inzira zawe, ewe Uhoraho,
unyigishe kubaho uko ugomba.
Ni ukuri ukugira neza kwawe n’urukundo rwawe bizonkurikirana
imisi yose y’ukubaho kwanje,
nanje nzoba mu Ngoro y’Uhoraho
ibihe vyose.
Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,
ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,
ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.
Uhoraho azokurinda ikibi cose;
azozigama ubugingo bwawe;
Uhoraho azokuzigama amaja n’amaza
uhereye ubu ukageza ibihe vyose.
Ni wewe gitandara canje n’igihome canje,
undongore kandi ungire inama ku bw’izina ryawe.
Ico nsaba Uhoraho ni kimwe,
kandi ni co conyene ndondera:
ni ukuba mu Ngoro y’Uhoraho
imisi yose yo kubaho kwanje,
ngo nihweze ubwiza bw’Uhoraho,
ndamurondera mu rusengero rwiwe.
Utekerereze imbere y’Uhoraho
umurindire wihanganye;
ntuze ubabare abantu nibatunganirwa mu nzira zabo,
nibashira mu ngiro imigambi yabo mibi.
Sinzokwigera nibagira ivyo wihanikirije,
kuko ari vyo wazigamishije ubugingo bwanje.
Prioridades e eternidade
Jesus nos lembra que a vida é mais que comida e o corpo mais que roupa. O que importa é buscar o Reino de Deus e viver para a eternidade.
Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya kandi umubiri nturuta cane ivyambarwa? Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane? Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?
Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe?
Nuko Yesu ahamagara abantu benshi bari ngaho hamwe n’abigishwa, ababwira ati: "Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe akankurikira. Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza. Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe? Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera."
Aca ababwira ati: "Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise."
Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.
Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.
Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye. Kubaho kwanyu gutyo mu buzima bwa misi yose, bizotuma abo hanze batizera babubaha, kandi mwidegemvye imbere y’umuntu wese.
Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu, kuko muzi ko muzohabwa n’Umwami wacu, umugabane wanyu nk’impera. Uwo Mwami mukorera ni Kristo.
Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.
Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.
Kuko:
"Umuntu wese ashaka ubugingo
no kubona imisi myiza,
narinde ururimi rwiwe kuvuga ikibi,
n’iminwa yiwe kuvuga ibinyoma.
Yitandukanye n’ikibi akore ivyiza,
arondere amahoro kandi ayakurikirane.
Ibihumeka vyose nibihimbaze Uhoraho.
Haleluya.
Ikintu cose cashingiwe igihe caco,
hari igihe c’igikorwa cose kibera musi y’ijuru:
Uwu musi ndabahaye ibwirizwa ryo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira zayo, no kuzigama amabwirizwa, amategeko n’ivyagezwe vyiwe; ni ho muzobaho, mukagwira, Uhoraho Imana yanyu akabahezagirira mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.
Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.
Imisi yacu ishobora kungana n’imyaka mirongo indwi,
canke mirongo umunani, ku banyenkomezi
ariko ivyiza vyo muri yo
n’ivyago n’umubabaro gusa.
"Uhoraho, nyereka iherezo ry’ubuzima bwanje
n’igitigiri c’imisi yanje;
umpe kumenya ko ubuzima bwanje bumara akanya gato.
Wahinduye imisi y’ukubaho kwanje uyinganya n’ikiganza gusa;
ikiringo c’imyaka yanje ni nk’aho ari ubusa kuri wewe.
Umuntu wese ni nk’impwemu zihumetswe gusa,
no ku baboneka ko bakingiwe.
Ni ivy’ukuri umuntu wese agenda nk’igitutu gusa;
birukira ubusa, barondera ubutunzi
batazi uwuzobutahira kw’iherezo.
Umuntu wese akunda ubugingo
akipfuza kubona imisi myiza myinshi,
aze arinde ururimi rwiwe ikibi
n’iminwa yiwe ayirinde ivyo kubesha.
Itandukanye n’ikibi, ukore ivyiza;
rondera amahoro uyakurikire.
Imvi ni urugori rw’ubwiza;
kironkwa n’abagendera mu bugororotsi.
Nk’uko umuntu abona ishusho yiwe mu mazi;
ni ko ubuzima bw’umuntu bwerekana umutima wiwe.