Ibijanye n’ingabire za Mpwemu Yera
1 Bene Data, ibijanye n’ingabire za Mpwemu Yera, nshaka ko mubitahura neza. 2 Murazi ko mukiri abanyamahanga mwazimizwa n’ibigirwamana bitavuga. 3 Ni co gituma ndababwira ko ata wuvugishwa na Mpwemu w’Imana yovuga ati: "Yesu ni ikivume," kandi nta wovuga ati: "Yesu ni Umwami," kiretse abivugishijwe na Mpwemu Yera.
4 Hari ingabire zitandukanye ariko Mpwemu azitanga ni umwe. 5 Imirimo ni myinshi ariko Umwami dukorera ni umwe. 6 Ibikorwa vy’Imana ni vyinshi, ariko iyo Mana nyene ni yo ibikorera muri twebwe twese.
7 Mpwemu w’Imana yiyerekanira mu ngabire kuri umwumwe wese ku neza ya bose.