1 Naho novuga indimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana. 2 Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa. 3 Naho nofata ivyanje vyose nkabiha abakene, ndetse naho notanga umubiri wanje13:3 Mu nzandiko zimwezimwe barongerako ngo "ngo uturirwe". kugira ngo ngire ico nirata ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.
4 Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. 5 Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. 6 Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. 7 Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.