16 Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi. 17 Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana? 18 Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.