6 Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi. 7 Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose. 8 Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura, 9 kuko ku bw’ukwizera kwanyu, muzoronka agakiza k’ubugingo bwanyu.
Publicidade