Pular para o conteúdo
Publicidade

1 Pedro 2

21 Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.

22 "Ntiyigeze acumura na rimwe,

kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe."2:22 Yesaya 53:9

23 Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye. 24 Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu,2:24 Yesaya 53:5 kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.

Veja também