Pular para o conteúdo
Publicidade

1 Pedro 5

2 mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene. 3 Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho. 4 Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa urugori rw’ubwiza rutazokwigera rutakaza ubwiza.

5 Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko,

"Imana igwanya abibona

ariko igirira ubuntu abicisha bugufi."5:5 Imigani 3:34

Veja também