Abigisha b’ibinyoma n’uguhona kwabo
1 Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana na Shebuja yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse. 2 Benshi bazokurikira inzira zabo z’ibiteye isoni, bakengere inzira y’ukuri. 3 Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.