Gusaba amasengesho
1 Mu kurangiza, bene Data, mudusengere kugira ngo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami bwamamare ningoga kandi ijambo ryiwe ryubahwe nk’uko ryubashwe muri mwebwe. 2 Mudusengere kandi kugira ngo Imana idukize abanyakibi, kuko abantu bose si abizera.