25 Nuko rero umwe wese muri mwebwe niyiyambure ibinyoma, muvugane ukuri na bagenzi banyu, kuko turi ingingo zigize umubiri umwe. 26 "Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha,"4:26 Zaburi 4:4 kandi izuba ntirirenge mugishavuye, 27 kuko ishavu riha akaryo wa mubi. 28 Uwiba ntakongere kwiba, ahubwo agire umwete wo gukora ivyiza akoresheje amaboko yiwe, kugira ngo aronke ico gufashisha abakene.
29 Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ahubwo muvuge amajambo meza yubaka abandi mu vyo bakeneye, kugira ngo agirire akamaro abayumva.