Pular para o conteúdo
Publicidade

Gálatas 4

4 Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe, 5 kugira ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe, yongere atugire abana biwe bwite. 6 Kandi kubera turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: "Aba, Data." 7 Nuko rero ntimukiri abagurano, ariko muri abana b’Imana bwite. Kandi ko muri abana b’Imana bwite, Imana yabagize abaragwa.

Veja também