5 Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti:
"Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,
kandi ntugacike intege iyo aguhanye;
6 kuko Uhoraho aha indero abo akunda,
kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe."12:6 Imigani 3:11,12
7 Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana? 8 Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri. 9 Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.