Publicidade

João 14

16 Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose, 17 ni we Mpwemu w’ukuri. Isi ntishobora kumwakira, kuko itamubona kandi itamuzi. Ariko mwebwe muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe. 18 Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri. 19 Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho. 20 Uwo musi niwashika, muzotahura ko ndi muri Data, kandi ko namwe muri muri jewe, nanje nkaba muri mwebwe. 21 Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke."

22 Nuko Yuda (atari Isikariyote) aramubaza ati: "Mwami, ni kuki ushaka kwihishurira twebwe, aho kwihishurira isi?"

23 Yesu aramwishura ati: "Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we. 24 Uwutankunda ntazoshira mu ngiro inyigisho zanje. Kandi aya majambo mwumva si ayo nigeneye; ariko ni aya Data yantumye.

25 Ibi ndabibabwiye nkiri kumwe namwe. 26 Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-