Urupfu rwa Yesu
28 Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: "Ndanyotewe." 29 Hafi yaho hari umubindi urimwo inkarisha, maze abasoda bafata sipongo bayijobeka muri ya nkarisha, bayidugisha ishami rya ezobu ku munwa wa Yesu. 30 Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: "Birarangiye." Nuko ajondamika umutwe aracikana.