3 Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri."
4 Nikodemu aramubaza ati: "Mbega umuntu ashaje yoshobora kuvuka ubwa kabiri gute? Yoshobora gusubira mu nda ya nyina, akongera akavuka?"
5 Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.