46 Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu agwariye i Kaperinawumu. 47 Yumvise ko Yesu yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aja iyo ari aramwinginga ngo aje i Kaperinawumu amukirize umuhungu wiwe yari ku mpfiro.
48 Yesu aramubwira ati: "Mbega ntimushobora kwizera mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza?"
49 Wa mutware akora i bwami aramubwira ati: "Nyakwubahwa, ingo tujane iwanje umwana wanje ataracikana."
50 Yesu aramwishura ati: "Nutahe, umwana wawe ni muzima."
Nuko wa muntu yizera amajambo ya Yesu, aca arataha. 51 Akiri mu nzira, abakozi biwe baza kumusanganira bamubwira ko umuhungu wiwe ari muzima. 52 Ababajije igihe umuhungu wiwe yakiriye, bamubwira bati: "Ejo isaha indwi z’umuhingamo ni ho umururumbo wahera."
53 Se w’umwana aca asanga hari kuri ya saha Yesu yamubwira ati: "Umwana wawe ni muzima." Nuko aca yizera Yesu we n’abo mu nzu yiwe bose.
54 Iki cabaye igitangaza ca kabiri Yesu yakoze agarutse i Galilaya avuye i Yudaya.