Pular para o conteúdo
Publicidade

João 6

32 Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru. 33 Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo."

34 Baramubwira bati: "Nyakwubahwa, turagusavye wame uduha uwo mukate imisi yose."

35 Yesu arabishura ati: "Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.

Veja também