6 Yabajije ico kibazo nk’uwumugeza, kuko we yari azi ico agiye gukora.
7 Filipo aramwishura ati: "Naho tworonka idenariyo amajana abiri6:7 Yari impembo y’umukozi mu mezi 8., ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwumwe."
8 Umwe mu bigishwa biwe yitwa Andereya, yavukana na Simoni Petero, abwira Yesu ati: 9 "Hano hariho umuhungu afise imikate y’ingano itanu n’ifi zibiri. Ariko vyomara iki ku bantu bangana uku?"
10 Yesu aravuga ati: "Nimubicarike." Aho hantu hari ubwatsi bwinshi. Nuko abo bantu baricara (abagabo bonyene bashika nk’ibihumbi bitanu). 11 Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye ngaho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya nk’uko babishaka.
12 Bamaze guhaga bose, Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Nimwegeranye utumanyu twasigaye, ntihagire igipfa ubusa." 13 Nuko begeranya utumanyagu twa ya mikate itanu y’ingano abantu bariye, buzuza ibiseke cumi na bibiri.