14 None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye? 15 Mbega hoho abantu bovuga ivyiwe bate ata wabatumye? Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye Ubutumwa Bwiza ari vyiza!"10:15 Yesaya 52:7
16 Ariko rero si abantu bose bemera kwakira Ubutumwa Bwiza, kuko Yesaya yavugishijwe ngo: "Mwami ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?"10:16 Yesaya 53:1 17 Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.