Pular para o conteúdo
Publicidade

Roma 14

Ntugacire imanza abandi

1 Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza. 2 Nk’akarorero, uwukomeye mu kwizera ashobora kurya indya zose. Uwundi na we, kubera atarakomera mu kwizera, agahitamwo kurya imboga gusa. 3 Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye. 4 Uri nde wewe ucira imanza umukozi w’uwundi muntu? Akoze neza canke nabi, ivyo biraba shebuja. Kandi noneho azokora neza kuko Umwami Imana afise ubushobozi bwo kumukomeza.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também