Publicidade

Romanos 8

35 Ni nde yodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega ni ivyago, canke ni imibabaro, canke ni uguhamwa, canke ni inzara, canke ni ubukene, canke ni kuba mw’irinde, canke ni urupfu? 36 Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:

"Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose;

dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa."8:36 Zaburi 44:22

37 Ariko naho bimeze uko, dufise intsinzi yuzuye ku bwa Kristo yadukunze. 38 Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, 39 bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_23-13-58-