22 Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira. 23 Umuntu wese yumviriza iryo jambo ariko ntarishire mu ngiro ameze nk’umuntu yiraba mu maso mu cirore 24 hanyuma, amaze kwiraba akagenda agaca yiyibagira ubwo nyene uko asa.