Aniversário de criança
O aniversário de uma criança é momento de celebrar o presente precioso que Deus deu. Cada criança é formada e conhecida por Deus desde antes de nascer.
Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;
wanteranirije mu nda ya mama;
Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;
ivyo ukora biratangaje,
ivyo ndabizi neza.
Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe
igihe naremerwa mw’ibanga,
igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.
Amaso yawe yarabona umubiri wanje ukiri amazi;
imisi wanshingiye yari yanditswe mu gitabu cawe
imbere yuko habaho n’umwe.
Ese ukungene ivyiyumviro vyawe ari ivy’igiciro, ewe Mana!
Ese ukungene ari vyinshi!
Uhoraho yabikoze kuri uwu musi nyene;
tunezerwe uwu musi kandi duhimbarwe.
Utwigishe guharura imisi yacu,
kugira ngo turonke imitima y’ubwenge.
Kuva nkivuka namye nisunga wewe;
wankuye mu nda ya mama.
Nzokwama ndaguhimbaza.
Ico nsaba Uhoraho ni kimwe,
kandi ni co conyene ndondera:
ni ukuba mu Ngoro y’Uhoraho
imisi yose yo kubaho kwanje,
ngo nihweze ubwiza bw’Uhoraho,
ndamurondera mu rusengero rwiwe.
Ariko ni wewe wankuye mu nda ya mama,
wampaye kukwizigira no mu gihe nari kw’ibere rya mama.
Nashizwe mu maboko yawe kuva nkivuka;
kuva nkiri mu nda ya mama wamye uri Imana yanje.
Nariko ndasaba uwu mwana, none Uhoraho yampaye ico namusavye.
Kuko nanje narabaye umwana kuri data,
kandi narakundwa cane na mama nk’umwana w’ikinege.
Data yanyigishije ati: "Ushire amajambo yanje ku mutima,
ugendere mu mabwirizwa yanje,
ni ho uzobona kubaho.
Amahoro y’Imana
Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.
Uwo mwana arakura, arakomera, agwiza ubwenge, kandi ubuntu bw’Imana bwari kuri we.