Conversão
A conversão é o ato de se voltar para Deus — arrependendo-se do pecado e abraçando a graça. É o início de uma vida nova, transformada pelo amor de Cristo.
Arrependei-vos
Arrependei-vos e convertei-vos para que os vossos pecados sejam apagados. A conversão começa com a mudança de mente e coração.
Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone ingene biza, bivuye imbere y’Umwami Imana,
Petero arabishura ati: "Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.
Ibihe abantu batari bwamenye Imana, iyo Mana nta co ibibagirizako, ariko ubu ihamagarira abantu bose aho bari hose kwihana,
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,
ati: "Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza."
O amor de Deus converte
Céu se alegra por um pecador que se arrepende. Deus não deseja a morte do ímpio, mas que se converta e viva.
Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.
Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye."
Sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha, kugira ngo bihane."
Sinezerezwa n’urupfu rw’umuntu n’umwe, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Nimwihane, mubone kubaho!
Ariko umunyakibi niyahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose, agakurikiza amabwirizwa yanje yose, agakora ibitunganye n’ibigororotse, nta kabuza azobaho; ntazopfa.
Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: "Mbega muri Isirayeli iyo muciye uwu mugani muti:
‘Abavyeyi barya inzabibu z’ibitumbwe,
amenyo y’abana babo akaba ari yo ajigurwa,’
muba mugomvye kuvuga iki?
Ni ukuri nk’ukubaho kwanje, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze, uwo mugani ntimugisubira kuwukoresha muri Isirayeli. Kuko abafise ubugingo bose ni abanje, abavyeyi co kimwe n’abana, bose ni abanje. Uwucumura ni we azopfa.
Iyumvire umugororotsi,
akora ibitunganye kandi bibereye.
Ntarira mu bibanza basengeramwo ibigirwamana vyo ku misozi,
canke ngo arabe ibigirwamana vya Isirayeli.
Ntahumanya umugore w’umubanyi
canke ngo aryamane n’umugore ari mu miziro yiwe.
Ntagunga abandi,
ahubwo asubiza ingwati y’abo yari yaguranye.
Ntiyigera yiba
ahubwo agaburira indya ziwe abashonje,
akambika n’abagenda gusa.
Ntatanga ingurane yiteze inyungu
canke akandi karusho.
Amaboko yiwe ayarinda gukora ikibi,
agaca izibereye hagati y’abatase.
Akurikiza amabwirizwa yanje,
akagendera no mu vyagezwe vyanje.
Uwo muntu ni umugororotsi,
kandi nta kabuza, azobaho,
ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.
Ariko aramutse avyaye umwana akaba inkozi y’ikibi, agasesa amaraso canke agakora n’ibi bibi bindi (naho se ata na kimwe yakoze muri ibi):
arira mu bibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana vyo ku misozi,
ahumanya umugore wa mugenziwe,
acinyiza abakene n’aboro,
yiba,
adasubiza ingwati y’abo yaguranye,
asenga ibigirwamana,
akora ibizira,
agatanga ingurane ashaka inyungu.
Mbega umuntu nk’uwo yobaho? Oya na mba! Kubera ko yakoze ibizira nk’ivyo vyose, azopfa, kandi amaraso yiwe azomuharurwako.
Ariko aramutse avyaye umwana, uwo na we akabona ivyaha vyose se akora, ariko naho abibona, ntakore ibisa n’ivyo:
Ntarire mu bibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana vyo ku misozi,
canke ngo asenge ibigirwamana vyo mu nzu ya Isirayeli.
Ntahumanye umugore wa mugenziwe.
Ntagunge umuntu n’umwe
canke ngo yake ingwati uwo aguranye.
Ntiyibe,
ahubwo akagaburira abashonje,
akambika abagenda gusa.
Akabuza amaboko yiwe gukorera ikibi abakene,
ntagurane amahera arondera inyungu,
akagendera mu vyagezwe vyanje, no mu mabwirizwa yanje.
Uwo ntazozira ivyaha vya se; ni ivy’ukuri azobaho. Ariko se azokwicwa n’ivyaha vyiwe, kuko yagunze abandi, akiba benewabo, agakora ibibi mu bwoko bwiwe.
Ariko murabaza muti: ‘Ni kubera iki umwana atazira ivyaha vya se?’ Nimba umwana azoba yakoze ibiroranye, agashira umutima ku gukurikiza amabwirizwa yanje, nta kabuza azobaho. Uwukora ivyaha ni we azopfa. Umwana ntazozira ivyaha vya se, na se ntazozira ivyaha vy’umwana wiwe. Umugororotsi azokwezwa n’ubugororotsi bwiwe, kandi umunyakibi azoharurwako ibibi vyiwe.
Ariko umunyakibi niyahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose, agakurikiza amabwirizwa yanje yose, agakora ibitunganye n’ibigororotse, nta kabuza azobaho; ntazopfa. Ibicumuro vyose yakoze nta na kimwe kizomuharurwako. Kubera ibikorwa vyo kugororoka azoba yakoze, azobaho. Mbega mwibaza ko nezerezwa n’urupfu rw’umunyakibi? Ni ko Uhoraho Nyeninganji abaza. Mbega sinezerezwa n’uko yova mu ngeso ziwe mbi, akabaho?
Ariko noneho, umugororotsi niyava mu bugororotsi bwiwe, agakora ivy’ukugabitanya hamwe n’ibizira nk’ivyo umunyakibi akora, mbega azobaho? Ivy’ukugororoka yakoze vyose nta na kimwe kizokwibukwa, kandi azopfa azize ivyaha yakoze.
Kandi muravuga muti: ‘Inzira y’Imana ntigororotse.’ Nimunyumvirize yemwe Bisirayeli: Inzira yanje ntigororotse? Ahubwo inzira zanyu ni zo zitagororotse. Umugororotsi niyava mu nzira ziwe agakora icaha, azokizira; azopfa azize ivyaha azoba yakoze. Ariko umunyakibi niyava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibigororotse, azokiza ubugingo bwiwe. Kuko azoba yiyumviriye ku vyo yakoze, hanyuma agahitamwo kubiheba, nta kabuza azobaho; ntazopfa. Ariko Abisirayeli baravuga bati: ‘Inzira y’Imana ntigororotse.’ Mbega inzira zanje ni zo zitagororotse ga mwa Bisirayeli mwe? Inzira zanyu si zo zitagororotse?
Ni co gituma, yemwe Bisirayeli, nzobacira urubanza ruhwanye n’ingeso zanyu, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Niwihane! Va mu vyaha vyawe vyose; ni ho ivyaha vyawe bitazoba inyanduruko yo kuranduka. Nimute kure ibicumuro vyanyu mwakoze, muhabwe umutima musha n’impwemu nsha. Ni igiki gituma mugomba gupfa, yemwe bantu ba Isirayeli?" Sinezerezwa n’urupfu rw’umuntu n’umwe, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Nimwihane, mubone kubaho!
Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.
Transformação
Voltai-vos para mim e sereis salvos! Rasgai o coração e não as vestes. A verdadeira conversão transforma o interior.
Umunyakibi nareke inzira ziwe,
umunyavyaha ave mu vyiyumviro vyiwe bibi.
Bagaruke k’Uhoraho, na we azobagirira imbabazi,
bagaruke ku Mana yacu, na yo izobaharira ku buntu.
Neyuye ivyaha vyawe nk’uko igicu ceyuka,
ivyaha vyawe ndabikuraho nk’igipfungu co mu gatondo.
Nimungarukeko,
kuko ni jewe nabacunguye."
"Mbere n’ubu nyene," ni ko Uhoraho avuze,
"nimungarukeko n’umutima wanyu wose,
mwisonzesha, murira kandi mugandaye."
Imitima yanyu nibe ari yo mutabura
mureke impuzu zanyu.
Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu,
kuko ari umunyabuntu agira imbabazi,
ateba kuraka kandi agira urukundo rwinshi,
kandi arigarura ngo ntarungike ivyago.
abantu banje, bitirirwa izina ryanje, nibicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bakava mu nzira zabo mbi, nanje nzobumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo.
Hezekiya atumako Abisirayeli bose n’Abayuda, kandi yandikira amakete Abefurayimu n’Abamanase, abaha ubutumire ngo baze mu Ngoro y’Uhoraho i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Umwami n’abaganwa biwe n’ikoraniro ryose bari i Yerusalemu bari biyemeje guhimbaza Pasika mu kwezi kwa kabiri. Ntibari bwashobore kuyihimbaza mu bihe vyategekanijwe kuko ata baherezi bakwiye bari bwarobanurwe, kandi abantu ntibari bwigere bakoranira i Yerusalemu. Iyo nteguro yo guhimbaza Pasika yabonetse ko ari nziza ku mwami no ku bantu bose. Baca bafata ingingo yo gutuma intumwa mu Bwisirayeli hose, uhereye i Berisheba mu bumanuko ugashika i Dani mu buraruko, bahamagara abantu ngo baze i Yerusalemu guhimbaza Pasika y’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli. Ntibari bwayihimbaze ari benshi nk’uko vyari vyaranditswe.
Kw’itegeko ry’umwami, intumwa zikwira hose mu Bwisirayeli n’i Buyuda zitwaye amakete avuye ku mwami no ku baganwa biwe, avuga ngo:
"Yemwe Bisirayeli mwese, nimugaruke k’Uhoraho, Imana ya Aburahamu, na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we abagarukeko mwebwe abasigaye, mutahitanywe n’agatikizo k’abami b’i Ashuri. Ntimube nka ba sogokuruza na benewanyu, babaye ibigaba imbere y’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, ari co catumye ibahindura akajoreza nk’uko mubibona. Ntimukomantaze imitima nk’uko ba sogokuruza banyu bayikomantaje; mwumvire Uhoraho. Muze mu Ngoro yiwe, iyo yejeje akayitoranya ibihe bidashira. Mukorere Uhoraho Imana yanyu, kugira ngo uburake bwiwe bw’inkazi bubaveko. Nimwahindukirira Uhoraho, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababajanye nk’inyagano maze bagaruke muri iki gihugu, kuko Uhoraho Imana yanyu ari inyembabazi kandi igira ikigongwe cinshi. Nimwamuhindukirira, ntazobakurako inyonga ziwe."
Za ntumwa ziragenda, ziva mu gisagara zija mu kindi, mu Befurayimu no mu Bamanase, gushika mu Bazebuloni; ariko abantu baritwengera, barabakengera. Yamara abantu bamwe bo mu Basheri, Abamanase n’Abazebuloni bicisha bugufi baja i Yerusalemu. No mu Buyuda, ukuboko kw’Imana kuba ku bantu baho, abaha kugira umutima umwe wo gukora ivyo umwami n’abaganwa biwe bari bategetse, bivuye mw’ijambo ry’Uhoraho.
Nuko mu kwezi kwa kabiri, abantu benshi bakoranira i Yerusalemu ngo bahimbaze Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. Bakuraho ibicaniro vyari i Yerusalemu, basambura n’ibicaniro batangirako ibimota neza, babita mu mwonga wa Kidironi.
Maze ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa kabiri, bakerera umwagazi wa Pasika. Abaherezi n’Abalewi bari buzuye ibimaramare, baca barihumanura maze bazana ibimazi vyo guturirwa mu Ngoro y’Uhoraho. Maze baca baja mu bibanza vyabo nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana. Abaherezi bamija ku gicaniro amaraso baherejwe n’Abalewi. Kubera ko mw’ikoraniro harimwo abantu benshi batari bihumanuye, Abalewi ni bo bahavuye bakerera imyagazi y’intama ya Pasika y’abantu bose bari bahumanye, kuko batashobora gushikiriza iyo myagazi yabo Uhoraho. Kandi naho abantu benshi mu bari bavuye mu Befurayimu, mu Bamanase, mu Bisakari no mu Bazebuloni batari bihumanuye, barariye Pasika, banyuranya n’uko vyanditswe. Ariko, Hezekiya arabasengera, avuga ati: "Icompa Uhoraho, kuko ari mwiza, akababarira umuntu wese yashize umutima wiwe ku kurondera Uhoraho, Imana ya ba sekuruza naho ahumanye ku bw’amategeko y’Ahera." Maze Uhoraho yumva ugusenga kwa Hezekiya, akiza abantu.
Abisirayeli bari i Yerusalemu bahimbaza Umusi Mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, bamara imisi indwi banezerewe cane, mu gihe Abalewi n’abaherezi baguma bararirimbira Uhoraho ku musi ku musi, bakoresheje ibicurarangisho bisamirana, vyeguriwe Uhoraho.
Hezekiya avuga amajambo yo gutera intege Abalewi bose bari berekanye ko batahura neza igikorwa c’Imana. Muri iyo misi indwi bariye umugabane wabo batanga n’ibimazi vy’ishimwe barongera bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza.
Maze ikoraniro ryose rica ryemeranya kwongerako iyindi misi indwi, bayimara bahimbaza Imana kandi banezerewe. Hezekiya umwami w’i Buyuda ategura amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi indwi ku bw’iryo koraniro, n’abaganwa na bo batanga amashuri y’inka igihumbi n’intama n’impene ibihumbi cumi. Igitigiri kinini c’abaherezi barihumanura. Ikoraniro ryose ry’Abayuda riranezerwa, hamwe n’abaherezi n’Abalewi n’abari bakoraniye hamwe na bo bavuye mu Bisirayeli, harimwo n’abanyamahanga bari baje bava mu Bwisirayeli n’ababa i Buyuda. Hari umunezero mwinshi cane i Yerusalemu, kuko kuva mu misi ya Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli hatari bwabe ikintu nk’ico i Yerusalemu. Abaherezi n’Abalewi barahaguruka ngo bahezagire abantu, maze Imana irabumva, kuko isengesho ryabo ryashitse mw’ijuru, ahera hayo, aho iba.
Mu kwezi kugira umunani kw’umwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, rivuga riti:
"Uhoraho yarashavuriye cane ba sogokuruza banyu. Nuko rero, bwira abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Nimungarukeko,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze, ‘nanje nzobagarukako,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. Ntimumere nka ba sogokuruza banyu, abo abavugishwa banje ba kera babwiye bati: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi, ariko ntibanyumvire canke ngo banshireko n’umutima, ni ko Uhoraho avuze. None ba sogokuruza banyu ubu bari he? Mbega abavugishwa n’Imana bamaho ibihe vyose? Mbega none amajambo yanje n’ivyo nashinze nkabishikiriza abasavyi banje navugisha ntivyashitse kuri ba sogokuruza banyu?
Maze barihana bavuga bati: ‘Uhoraho Mushoboravyose yadukoreye ibikwiranye n’ingeso zacu n’ibikorwa vyacu, nk’uko yari yagabiye kubitugirira.’ "
Ku musi ugira mirongo ibiri na kane w’ukwezi kw’indwi, mu kwezi kwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyusi ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza ku wavugishwa n’Imana Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido.
Mw’ijoro nabonye ivyo neretswe, maze imbere yanje hari umugabo yari yicaye kw’ifarasi ifise ibara rigomba gutukura kandi na yo yari ihagaze mu biti vyitwa mirite, ahantu h’umwonga. Inyuma yiwe hari ayandi mafarasi na yo nyene y’akagajo, ayagomba kwera hamwe n’ayera.
Ndabaza nti: "Izo farasi zisigura iki, ga Mwami wanje?"
Umumarayika yariko aravugana nanje aranyishura ati: "Ndakwereka ivyo ari vyo."
Maze wa mugabo yari ahagaze muri vya biti vyitwa mirite, aransigurira ati: "Ni abo Uhoraho arungitse kugendura isi yose."
Maze baha icegeranyo wa mumarayika w’Uhoraho yari ahagaze musi y’ivyo biti bati: "Twagenduye isi yose kandi twasanze isi yose itekanye iri mu mahoro."
Maze wa mumarayika w’Uhoraho arishura ati: "Uhoraho Mushoboravyose, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye kumara iyi myaka mirongo indwi yose?" Maze Uhoraho abwira amajambo meza kandi aremesha wa mumarayika yavugana nanje.
Nuko wa mumarayika yariko aravugana nanje ambwira ati: "Semerera ubu butumwa ubwire abantu bose uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ngize ipfuhe ku bwa Yerusalemu na Siyoni, kandi ndashavuriye cane amahanga yibereye mu mutekano no mu mahoro. Nari narashavuriye gatoya abantu banje, ariko ayo mahanga yabahaye igihano kirengeje.’
Nuko rero uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nzohindukirira Yerusalemu mfise imbabazi, kandi aho ni ho Ingoro yanje izosubira kwubakwa. Kandi umugozi wo gupima uzosubira kugororwa i Yerusalemu,’ ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
Semerera umenyeshe abantu uti: Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Ibisagara vyanje bizosubira kwuzura bisesekare ivyiza, kandi Uhoraho azosubira kuremesha Siyoni no gutoranya Yerusalemu.’ "
Maze ndavye hejuru, mbona imbere yanje amahembe ane. Mbaza wa mumarayika yariko aravugana nanje nti: "Ibi ni ibiki?"
Anyishura ati: "Ayo mahembe aserukira amahanga ane yashwiragije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu."
Nuko Uhoraho anyereka abacuzi bane. Ndabaza nti: "Abo baje gukora iki?"
Aranyishura ati: "Wabonye ya mahembe ane ari yo mahanga yashwiragije Abayuda kugira ngo ntihagire uwuzokwongera kuvyura umutwe. Aba bacuzi bazanywe no gutera ubwoba ayo mahanga no guca ayo mahembe yayo yadugije ngo agwanye Abayuda no gusanzaza abantu baho."
Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.
Nuko rero, mwice ibintu vyose vya kamere k’isi: ubusambanyi, ibihumanya, ivyipfuzo vy’umubiri, ivyipfuzo bibi n’ugukunda amahera, ari kwo gusenga ibigirwamana.
Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.
Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.
Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.