Publicidade

Coração

Por Bíblia Online

O coração é o centro do ser humano — sede dos pensamentos, emoções e decisões. A Bíblia ensina a guardar, purificar e render o coração a Deus como oferta viva.

Guardar o coração

Sobre tudo o que se deve guardar, guarda o teu coração, porque dele procedem as fontes da vida e de toda decisão.

Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,

kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.

Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,

kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.

Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,

ntiwishimire ugutahura kwawe.

Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,

ntiwishimire ugutahura kwawe.

Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,

na we azogorora inzira zawe.

Ubwenge ni bwo butanga ukubaho neza

Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije,

ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.

Ivyo niwabikora, bizokwongera imyaka yo kubaho,

kandi ubuzima bwawe buzororanirwa.

Urukundo n’ubwizigirwa bize vyamane nawe,

uze uvyambare mw’izosi,

uvyandike mu mutima wawe.

Ni ho uzogira ikiganza ciza n’izina ryiza

imbere y’Imana n’abantu.

Umutima urimwo amahoro uzana ubuzima bwiza mu mubiri,

ariko ukwipfuza kuboza amagufa.

Umutima w’umunyabwenge wemera ukurongorwa,

ariko igipfu kidaharura ivyo kivuga cikwegera uguhona.

Coração puro

Cria em mim um coração puro, ó Deus. Ensina-me a contar meus dias para que tenha um coração sábio.

Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,

umpe umutima ushikamye.

Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,

umpe umutima ushikamye.

Utwigishe guharura imisi yacu,

kugira ngo turonke imitima y’ubwenge.

Aya majambo yo mu kanwa kanje

n’uku kurimbura kw’umutima wanje

bibe ibihimbara mu nyonga zawe, Uhoraho, Gitandara canje, Mucunguzi wanje.

Nimukomere mureme mu mitima,

yemwe mwese abizigira Uhoraho.

Uhimbarwe nUhoraho,

na we azoguha ivyo umutima wawe wipfuza.

Aguhe ico umutima wawe ushaka

imigambi yawe yose ije mu ngiro.

Hahiriwe abitondera ivyo yihanikirije,

bakamuronderana umutima wabo wose;

Nzogutazira n’umutima utunganye

uko nzokwiga ivyagezwe vyawe bigororotse.

Nzokuronderana umutima wanje wose;

ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.

Buscar a Deus de coração

Amarás ao Senhor teu Deus de todo o coração. A busca sincera leva ao encontro; o coração dividido leva à ruína.

Yesu aramwishura ati: " Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’umushasha wawe wose n’ubwenge bwawe bwose.

Yesu aramwishura ati: " Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’umushasha wawe wose n’ubwenge bwawe bwose.

kuko aho ubutunzi bwawe buri, ari ho n’umutima wawe uzoba.

Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: Shinguka, witerere mu kiyaga,avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye.

Umutima uribesha kuruta ibintu vyose

kandi ugwaye ingwara idakira.

Ni nde yowutahura?

Umutima uribesha kuruta ibintu vyose

kandi ugwaye ingwara idakira.

Ni nde yowutahura?

Jewe Uhoraho ni jewe nsesa umutima

nkagera umushaha,

ngo ngerere umuntu wese ibihwanye n’ingene yigenza,

ibikwiranye n’ibikorwa vyiwe."

Muzondondera kandi muzombona mundondeye n’imitima yanyu yose.

Ariko muzokwame mwiyubara, mukurikize amabwirizwa n’ivyagezwe Mose umusavyi wUhoraho yabahaye: Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mushitse amabwirizwa yiwe, mwumire kuri we, kandi mumukorere n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose."

Nzobaha umutima umwe, ndabashiremwo impwemu nsha. Nzobakuramwo umutima w’ibuye ndabahe umutima w’inyama.

Nzobaha umutima mushasha, ndabashiremwo n’impwemu nshasha; nzobakuramwo umutima w’ibuye, ndabahe umutima w’inyama.

Conhecer o coração

O homem olha para a aparência, mas o Senhor olha para o coração. Deus conhece os segredos mais profundos.

Ariko Uhoraho aramubwira ati: "Nturabe akaranga n’uburebure, uwo namwanse. Uhoraho ntaraba ku vyo abantu baraba. Abantu baraba ku biboneka, ariko Uhoraho araba mu mutima."

Ariko Uhoraho aramubwira ati: "Nturabe akaranga n’uburebure, uwo namwanse. Uhoraho ntaraba ku vyo abantu baraba. Abantu baraba ku biboneka, ariko Uhoraho araba mu mutima."

Nk’uko umuntu abona ishusho yiwe mu mazi;

ni ko ubuzima bw’umuntu bwerekana umutima wiwe.

Umutima unezerewe ni umuti mwiza,

ariko umutima ubabaye umara inkomezi mu mubiri.

Uze wegurire Uhoraho ivyo ukora vyose,

ni ho ivyawe bizogenda neza.

Ntimwiteho cane ubwiza bw’inyuma ku mubiri buhagaze ku buryo kanaka bugezweho bwo gusokoza umushatsi, kwambara ibintu vyo kubashariza bikozwe mu nzahabu, canke impuzu z’igiciro kinini. Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.

Umuntu wese atange ikivuye ku mutima. Ntimupfe gutanga canke ngo mutange kuko mubitegetswe, kuko Imana ikunda uwutangana umunezero.

Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.

Imana ikomeze imitima yanyu kugira ngo muzosangwe mutagira agasembwa, muri abera imbere y’Imana yacu ari yo Data wa twese, aho Umwami wacu Yesu azogarukira azananye n’abera biwe. Amen.

ntimukomantaze imitima yanyu

nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bangarariza

bakangerageza mu bugaragwa.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-