Tomar uma decisão
Tomar decisões com sabedoria é um dos maiores desafios da vida. A Bíblia nos ensina a buscar a Deus em oração, na Palavra e no conselho, confiando que Ele dirige os nossos passos.
Buscar a Deus
Se algum de vós tem falta de sabedoria, peça a Deus. Ele dá generosamente e sem repreensão a todos os que pedem.
Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.
Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva.
Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.
Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,
ntiwishimire ugutahura kwawe.
Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,
na we azogorora inzira zawe.
Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,
na we azogorora inzira zawe.
Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.
Conselho e direção
Onde não há conselho os planos se frustam. Toda Escritura é útil para nos guiar nas decisões da vida.
Ihanga ribuze abarongozi b’ubwenge riratemba,
ariko abajenama benshi barizanira kuba amahoro.
Abantu bakora ubupfindo ngo bamenye ivya kazoza
ariko Uhoraho, ni we agena ikivamwo.
Ingunge irondera ivyayo yonyene yitandukanya n’abandi,
kandi igwanya ivyiyumviro vyiza vyose.
Igipfu ntikinezerererwa ugutahura,
kinezerezwa n’ukugaragaza ivyiyumviro vyaco.
Iyo haje ubukozi bw’ikibi haba haje umugayo;
kandi ubushizi bw’isoni buzana igitutsi.
Amajambo y’ubwenge ameze nk’ibenga rirerire,
kandi ubwenge buva ku banyabwenge bumeze nk’uruzi rusuma.
Ntibibereye kweza umunyakibi,
canke kurenganya umugororotsi.
Iminwa y’igipfu yisuka mu mitongano,
kandi akanwa kiwe kamukwegera inkoni.
Akanwa k’igipfu ni ko kakirandura,
kandi iminwa yiwe ni yo mutego w’umushaha wiwe.
Amajambo y’urusaku ameze nk’ivyokurya biryoshe,
aramanuka agashika i bwina mu mutima w’umuntu.
Umunebwe mu gikorwa
ni mwenewabo n’umuranduzi.
Izina ry’Uhoraho ni umunara ukomeye;
abagororotsi barihungiramwo bakaba amahoro.
Ubutunzi bw’umutunzi bumubera igisagara gikomeye;
yibaza ko ari igihome kiturirwa.
Ukwishira hejuru kw’umutima ni intango yo kugwa,
ariko ukwicisha bugufi ni intango y’icubahiro.
Gushoka wishura utabanje kwumviriza
ni ubupfu, biramaramaza.
Umutima w’umuntu ni wo umufasha kwihanganira ingwara;
ariko umutima ubabaye ni nde yowihanganira?
Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi,
kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.
Bashikiriye urubibe rwa Musiya, bagerageza kwinjira i Bituniya, ariko naho nyene Mpwemu wa Yesu ntiyabemerera.
Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli. Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: "Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye." Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.
Confiar e seguir
Seja o que for que façais, fazei tudo para a glória de Deus. O sábio ouve a Deus antes de agir.
Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.
Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye twiyambura ibituboha vyose bikatubuza kubandanya, hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze twiruke n’umwete mu rugendo Imana yashize imbere yacu.
Akiri i Gibeyoni, Uhoraho yiyereka Salomo mw’ijoro ari mu ndoto, aramubwira ati: "Nsaba ico ushaka cose ndakiguha."
Salomo arishura ati: "Wagiriye neza cane umusavyi wawe Dawidi ari we data, kuko yakubereye umwizigirwa, akakugororokera n’umutima utunganye. Kandi ukwo kugira neza waragukomeje, gushika aho umuha umuhungu wiwe yicara ku ntebe yiwe y’ubwami uno musi.
None rero, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wangize umwami mu kibanza ca data Dawidi. Ariko ndi umwana muto, sinzi uko ndabigenza. Jewe umusavyi wawe ndi hagati mu bantu watoranije, ihanga rinini cane ritoharurika. None rero mpa umutima w’ubwenge, kugira ngo nshobore kurongora ubwoko bwawe no gutandukanya iciza n’ikibi. Mbega none ni nde yoshobora kuganza ubu bwoko bwawe bwinshi bungana gutya?"
Imana inezerezwa cane n’uko Salomo ayisavye ikintu nk’ico, maze imubwira iti: "Ko unsavye ivyo, utansavye kuramba canke ubutunzi, canke ngo unsabe kumara abansi bawe, ahubwo ukansaba ubwenge bwo kurongorana ubugorororotsi, nzoguha ivyo unsavye. Nzoguha ubwenge n’umutima w’ubumenyi, ivyo ata wundi muntu n’umwe yigeze aronka imbere yawe, kandi ata n’uwundi azokwigera aronka inyuma yawe.
Umugore wiwe amubwira ati: "Mbega uracumiye ku bwizigirwa bwawe? Pfuma utuka Imana upfe!"
Aramwishura ati: "Uvuze nk’umugore w’igipfu. Mbega mu biva ku Mana twokwakira ivyiza gusa, ibibi ntituvyakire?"
Muri ivyo vyose, Yobu ntiyigeze acumura mu majambo yavuze.