Publicidade

Filho de Deus

Por Bíblia Online

Jesus é o Filho de Deus — a revelação suprema do Pai. Nele habita toda a plenitude da divindade e por Ele temos acesso ao Pai, à salvação e à vida eterna.

A revelação do Filho

O Filho é o resplendor da glória de Deus. Quem vê o Filho vê o Pai. Jesus é a imagem perfeita do Deus invisível.

Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru. Ibi vyerekana ko Umwana aruta cane abamarayika, nk’uko izina Imana yamuhaye riruta amazina yabo.

Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege, aje ava kuri Data, yuzuye ubuntu n’ukuri.

Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.

Ariko Yesu arababwira ati: "Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora." Ivyo vyatumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica; kuko uretse kutubahiriza Isabato, yavuze ko Imana ari Se, gutyo yigira uwungana n’Imana.

Confissão e fé

Tu és o Cristo, o Filho do Deus vivo! Quem confessa que Jesus é o Filho de Deus, Deus permanece nele.

Petero avuga ko Yesu ari Kristo

Yesu ashitse i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo, abaza abigishwa biwe ati: "Mbega abantu bavuga ko jewe Umwana w’Umuntu ndi nde?"

Baramwishura bati: "Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri Yeremiya canke umwe mu bandi bavugishwa."

Aca arababaza ati: "None mweho, muvuga ko ndi nde?"

Simoni Petero aramwishura ati: "Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima."

Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka mw’ishusho y’inuma ashika kuri we. Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: "Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara."

Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.

Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe. Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.

Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.

Umuntu wese afise Umwana afise ubugingo; umuntu wese adafise Umwana w’Imana nta bugingo afise.

Vida no Filho

Deus enviou seu Filho ao mundo para que vivêssemos por Ele. O Filho dá vida, julga e reconcilia os pecadores com o Pai.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha. Vyongeye, Data nta muntu acira urubanza. Ahubwo yahaye Umwana ububasha bwose bwo guca imanza, kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.

Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo. Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana. Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.

si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.

Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe, kugira ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe, yongere atugire abana biwe bwite. Kandi kubera turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: "Aba, Data."

Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.

Kuko umwana avutse ku neza yacu,

duhawe umwana w’umuhungu,

ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe.

Azokwitwa Umujenama w’igitangaza,

Imana ikomeye,

Data ahoraho, Umwami w’amahoro.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-