Publicidade

Hebreus 1

Imana yavuze iciye mu Mwana wayo

1 Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo. 2 Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we. 3 Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru. 4 Ibi vyerekana ko Umwana aruta cane abamarayika, nk’uko izina Imana yamuhaye riruta amazina yabo.

Umwana aruta abamarayika

5 Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti:

"Uri Umwana wanje;

uwu musi ndakuvyaye"1:5 Zaburi 2:7?

Canke iti:

"Nzomubera Se,

na we azombera Umwana"1:5 2 Samweli 7:14; 1 Ngoma 17:13?

6 Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti:

"Abamarayika bose b’Imana nibamusenge."1:6 Gusubiramwo 32:43

7 Ku bijanye n’abamarayika, yavuze iti:

"Abamarayika bayo ibahindura imiyaga,

abakozi bayo ikabagira imbeya z’umuriro."1:7 Zaburi 104:4

8 Ariko ku vyerekeye Umwana, ivuga iti:

"Ukuganza kwawe, ewe Mana, kuzokwamaho.

Ubugororotsi ni ryo cumu ry’inganji y’Ubwami bwawe.

9 Wakunze ubugororotsi, wanka ikibi;

ni co gituma Imana, ari yo Mana yawe,

yagutoranije,

ikakurobanuza amavuta y’umunezero,

ikakurutisha bagenzawe."1:9 Zaburi 45:6,7

10 Yongera iravuga iti:

"Ni wewe, Uhoraho, washizeho amatanguriro y’isi,

kandi amaboko yawe ni yo yaremye amajuru.

11 Ivyo bizoshira, ariko wewe wamaho.

Vyose bizosaza nk’impuzu.

12 Uzobizinga nk’uwuzinga impuzu;

bizohindurwa nk’uko bahindura impuzu.

Ariko wewe uhora uko wamye,

kandi imyaka yawe ntigira iherezo."1:12 Zaburi 102:25-27

13 Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti:

"Icara i buryo bwanje

kugeza abansi bawe bose

ndabashize musi y’ibirenge vyawe"1:13 Zaburi 110:1?

14 Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_15-35-42-