Gratidão a Deus
A gratidão a Deus é atitude que transforma a vida. Reconhecer que toda boa dádiva vem de Deus nos leva a louvar, servir e viver com alegria e propósito.
Tudo vem de Deus
Toda boa dádiva vem do alto. Agradecer a Deus é reconhecer que Ele é a fonte de toda bênção e sustento.
Kubera ko ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ata gikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima,
Kubera ko ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ata gikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima, kuko tuzi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.
Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi zo gukora igikorwa ciwe, kandi ko yabonye ko ndi uwo kwizigirwa, akanzeza ibikorwa vyiwe.
Ndakugira inama rero, imbere ya vyose, gusabira abantu bose, kubasengera, kubigingira wongera ushimira Imana ku bwa bo.
mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane wo mu bwami bw’umuco.
mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.
Amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu. Kuko nk’uko mugize ingingo z’umubiri umwe, mwahamagariwe kubana mu mahoro. Kandi mube abama bashima.
Louvor e gratidão
Louvai ao Senhor e dai-lhe graças! Ele fez maravilhas e é digno de todo louvor e agradecimento.
Nzoha ishimwe Uhoraho ku bw’ukugororoka kwiwe,
nzotazira izina ry’Uhoraho Musumbavyose.
Nimushikanire Imana ikimazi c’ishimwe,
mushitse ivyo mwasezeraniye Iyisumbavyose,
Nzohimbaza izina ry’Imana mu ndirimbo
ndamuhe icubahiro mu mashimwe.
Ariko abakurondera bose
nibanezerwe bahimbarirwe muri wewe;
abipfuza ugutabarwa kwawe bame bavuga bati:
"Imana irahambaye!"
Turaguhimbaza, Mana,
turaguhimbaza, kuko Izina ryawe riri hafi yacu;
ahantu hose abantu baganira ibitangaza wakoze.
Maze twebwe abantu bawe, intama zo mu buragiro bwawe,
tuzoguhimbaza ibihe bidashira;
uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi
tuzokwamamaza ishimwe ryawe.
Mwinjire mu marembo y’Ingoro yiwe mushima,
mu birimba vyiwe muhimbaza;
mumushime kandi muhimbaze izina ryiwe.
Wahinduye ugucura intimba kwanje ukuvyina;
wanyambuye igunira unyambika impuzu y’umunezero,
kugira ngo umutima wanje uririmbe amashimwe urudaca.
Uhoraho Mana yanje, nzogushima ibihe bidashira.
Nimuhimbaze Uhoraho, mwamamaze izina ryiwe;
mumenyekanishe mu mahanga ivyo yakoze.
Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
Expressões de gratidão
Dar graças com oração e súplica. A gratidão se expressa em palavras, atos e atitudes que glorificam a Deus.
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.
mushimira vyose Imana Data imisi yose, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Ntihakagire ibiterasoni, amajambo y’ubupfu canke ibitwenza bibi bigira ikibanza muri mwebwe, ahubwo habe amashimwe.
Muzotungishwa mu buryo bwose kugira ngo muronke ico mutanga aho bizoba bikenewe hose, kandi imfashanyo muduha zizotuma abazironka bahimbaza Imana.
Imibabaro yose ducamwo ni ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw’Imana buriko burashikira benshi butume amashimwe asesekara, maze Imana ihabwe icubahiro.
Mwame mushima Imana mu bibashikira vyose kuko ari vyo Imana ibashakako mwebwe abari muri Kristo Yesu.
bavuga bati:
"Turaguhaye icubahiro, Mwami Imana Mushoboravyose,
wewe uriho kandi wamyeho,
kuko wakiriye ububasha bwawe bukomeye,
ugashiraho inganji yawe.
Ariko jewe, nzogushikanira ikimazi
nshize hejuru ijwi ryo kugushimira.
Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye,
kuko agakiza kanje kava k’Uhoraho."