Publicidade

Salmos 75

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni mw’ijwi ryitwa "Ntuhonye." Ni Zaburi ya Asafu. Ni indirimbo.

1 Turaguhimbaza, Mana,

turaguhimbaza, kuko Izina ryawe riri hafi yacu;

ahantu hose abantu baganira ibitangaza wakoze.

2 Uravuga ngo: "Mu gihe nzoba nashinze,

nzoca imanza mu bugororotsi.

3 Igihe isi izohinda agashitsi n’abari kuri yo,

ni jewe nzofata inkingi zayo ndazikomeze.

4 Ku bibone ndavuga nti: Ntimukirate,

n’abanyakibi nti: Ntimukaduze amahembe yanyu.

5 Ntimukaduze amahembe yanyu mw’ijuru;

ntimuvuge amajambo y’ubwibone.’ "

6 Nta n’umwe wo mu buseruko canke mu burengero,

canke ava mu bugaragwa yoshobora kwishira hejuru.

7 Imana ni yo ica imanza:

icisha bugufi umwe, igashira hejuru uwundi.

8 Mu kuboko kwUhoraho hari igikombe

cuzuye umuvinyu ubiragira uturiranije;

arawusuka, maze abanyakibi bose bo kw’isi

bakawiranguza gushika no ku mvuzo.

9 Ariko jeho, nzokwamamaza ibi bintu ibihe bidashira;

nzoririmbira ishimwe ry’Imana ya Yakobo,

10 ni yo ivuga iti: "Nzovunagura amahembe y’abanyakibi bose,

ariko amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru."

Veja também

Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_15-35-42-