Publicidade

Incentivo

Por Bíblia Online

A Bíblia é fonte inesgotável de incentivo. Em cada página, Deus nos encoraja a não temer, a perseverar e a confiar que Ele está conosco e é maior que qualquer adversidade.

Deus é por nós

Se Deus é por nós, quem será contra nós? O Senhor fortalece, sustenta e guia seus filhos em cada batalha e desafio.

Ubwinshi bw’urukundo rw’Imana

Mbega none tuvuge iki? Nimba Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yodutsinda?

Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;

ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.

Nzogukomeza, nzogutabara,

nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.

ariko abizigiye Uhoraho

bazokwama bongerwa inkomezi.

Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,

bazokwiruka ntibaruhe,

bazogenda ntibacike intege.

Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.

Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."

Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.

Esperança e perseverança

A tribulação produz perseverança, a perseverança produz caráter, e o caráter produz esperança que não decepciona.

Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana. Ukwo kwihangana gutuma tugwiza inkomezi zo mu mutima, izo na zo zikaduha kugumana ivyizigiro. Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.

Ntimugatakaze ivyizigiro mufise mu Mwami, kuko bifise impera ikomeye.

Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."

Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi. Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho. None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’abiki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.

Yesu aravuga ati: "Uvuze uti: Nimba noshobora kugira ico nkoze? Vyose bishobokera uwizera."

Deus cuida de nós

Entrega o teu caminho ao Senhor. Lança sobre Ele as tuas ansiedades, porque Ele tem cuidado de nós diariamente.

Wegurire Uhoraho inzira yawe;

umwizigire na we azobishitsa:

Uhoraho akomeza intambuko

z’uwumwishimira;

naho yotsitara, ntazogwa hasi,

kuko Uhoraho amushigikije ukuboko kwiwe.

Uremeke imitwaro yawe Uhoraho

na we azogushigikira;

ntazokwigera areka

umugororotsi ngo anyiganyizwe.

Mu magorwa yanje nambaza Uhoraho,

na we akanyishura.

Sinzotinya naho ingabo ibihumbi vyinshi

zonyugariza impande zose.

Futuro e promessas

Eu sei os planos que tenho para vocês — planos de paz e não de mal, para dar-lhes futuro e esperança.

Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.

Uhoraho Imana yawe ari kumwe nawe,

ni umuhizi mu ntambara, ashoboye gukiza.

Azogira umunezero mwinshi ku bwawe,

mu rukundo rwiwe, ntazokwongera kugukankamira,

ariko, azokunezererwa akoresheje indirimbo.

Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."

Ivyanditswe bivuga biti:

"Ibintu ata jisho na rimwe ryigeze kubibona,

ibintu ata gutwi na kumwe kwigeze kuvyumva,

kandi ibintu ata bwenge bw’umuntu n’umwe bwigeze kuvyiyumvira,

ni vyo Imana yateguriye abayikunda."

ariko Shama arabarinda ari hagati muri uwo murima. Arawugwanira maze yica Abafilisitiya, kandi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_21-26-40-