Publicidade

Jovens

Por Bíblia Online

Deus tem planos maravilhosos para os jovens. A Bíblia os convida a consagrar a juventude ao Senhor, crescer em sabedoria e ser exemplo para todos em fé, palavra, conduta e amor.

Ninguém despreze a tua mocidade

Paulo exortou Timóteo: sê exemplo dos fiéis na palavra, no procedimento, no amor, no espírito, na fé e na pureza.

Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo, mu buryo ubayeho, mu rukundo, mu kwizera, no mu kwezwa.

Abakiri bato na bo ubahimirize kuganza ingeso zabo.

Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: "Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi."

Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano:

Lembrar do Criador na juventude

Lembra-te do teu Criador nos dias da tua mocidade. A sabedoria ganha cedo produz frutos duradouros na vida inteira.

Uze wame wibuka umuremyi wawe

mu misi y’ubuto bwawe,

imisi mibi itaraza

n’imyaka itarashika aho uzovuga uti:

"Ntibikinezereza";

Uze wame wibuka umuremyi wawe

mu misi y’ubuto bwawe,

imisi mibi itaraza

n’imyaka itarashika aho uzovuga uti:

"Ntibikinezereza";

izuba n’umuco

n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwijima,

n’ibicu bitaragaruka imvura ihise;

aho abarinzi b’inzu bajugumira,

abanyenkomezi bakunama,

abasyi bagahagarika gusya kuko babaye bake,

n’abarungurukira mu madirisha bagahuma;

Ewe muntu ukiri muto, nezererwa ubwo buto bwawe,

kandi ukore ibinezereza umutima wawe mu misi y’ubuto bwawe.

Ukurikire inzira z’umutima wawe,

n’ibintu vyose amaso yawe akwereka,

ariko umenye ko muri ivyo vyose,

Imana izokurengutsa mu rubanza.

Nuko rero, irinde kugira amaganya mu mutima wawe

ushire kure y’umubiri wawe ikibi cose,

kuko ubuto no kugira inkomezi ari ubusa.

Iterambere ni ubusa

Wopfuma ubona umukene akiri muto kandi afise ubwenge, hako ubona umwami ashaje kandi w’igipfu atemera impanuro.

Força e promessa

Os jovens renovam suas forças quando esperam no Senhor. Deus levanta jovens com visões e sonhos para transformar o mundo.

Mbere n’imisore iracika intege ikaruha,

abakiri bato baradandabagirana bagatemba,

ariko abizigiye Uhoraho

bazokwama bongerwa inkomezi.

Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,

bazokwiruka ntibaruhe,

bazogenda ntibacike intege.

Umusi w’Uhoraho

Kandi hanyuma y’ivyo,

nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose.

Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa,

abatama banyu bazorota indoto,

n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.

N’abasavyi banje, abagabo n’abagore,

nzobasukako Mpwemu wanje muri iyo misi.

Imana iha abo basore bane kumenya no gutahura inyandiko z’uburyo bwinshi kandi zitandukanye no kugira ubwenge. Daniyeli we yarashobora gutahura no gusobanura ivyahishuwe mw’iyerekwa n’indoto z’uburyo bwose.

Igihe co kwiga cashinzwe n’umwami kirangiye, wa mukuru w’abakozi b’i bwami ajana ba basore imbere ya Nebukadineza. Umwami avugana na bo bose, ariko nta n’umwe yabonetse anganya ubwenge na Daniyeli, na Hananiya, na Mishayeli na Azariya. Nuko baca bakora ku kirimba i bwami.

Icubahiro c’umusore ni inkomezi ziwe,

imvi na zo ni ryo teka ry’umutama.

Mbere n’umwana amenyekanira ku vyo akora,

bikerekana ko azoba uwutunganye, agororotse.

Guardar o caminho

Como purificará o jovem seu caminho? Guardando-o segundo a tua Palavra. A Escritura na juventude guarda do pecado a vida inteira.

Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?

Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.

Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje

kugira ngo sindagucumureko.

Kuko uri ivyizigiro vyanje, Uhoraho Nyeninganji,

ni wewe nizigira kuva nkiri muto.

yemwe basore n’inkumi,

batama namwe bana.

Abo nibahimbaze izina ryUhoraho,

kuko izina ryiwe ryo nyene ari ryo rishizwe hejuru;

icubahiro ciwe kiri hejuru y’isi n’ijuru.

Iyi ni imigani ya Salomo, mwene Dawidi, umwami wa Isirayeli.

Intumbero y’iyi migani ni ukwigisha abantu ubwenge no kubatoza indero,

no kubafasha gutahura amajambo y’ubwenge.

Yigisha abantu kugira ubwenge bwo kuroranya ibintu mu buzima,

bagakora ibigororotse, ibitunganye n’ibibereye.

Iyo migani yigisha ubwenge abazi bike,

abakiri bato ikabaha ubumenyi bwo guserangura.

Umugani wa 16

Ntega amatwi Mwana wanje, kandi ugire ubwenge,

uzigamire umutima wawe mu nzira igororotse.

Ntukifatanye n’imborerwa,

canke ngo usangire n’abakunzi b’inda,

kuko bariko baja mu bukene,

kandi itiro ryinshi rizobambika imishambara.

Umugani wa 17

Umvira so wawe, we yakuvyaye,

kandi ntugaye nyoko mu myaka yiwe y’ubusaza.

Coragem e vocação

Deus chamou jovens como Jeremias e Josué para grandes missões. A juventude não é desculpa — é oportunidade de servir poderosamente.

Ndavuga nti: "Ewe Uhoraho Nyeninganji, jewe sinzi kuvuga, kandi ndacari muto."

Ariko Uhoraho arambwira ati: "Reka kuvuga uti: Ndacari muto.Uzoja ku wo nzogutumako umubwire ico nzogutuma cose. Ntuze ubatinye, kuko ndi kumwe nawe kandi nzogutabara," ni jewe Uhoraho mbivuze.

Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza. Maze, muzonyambaza muze munsenge, nanje nzobumva. Muzondondera kandi muzombona mundondeye n’imitima yanyu yose. Nzokwemera mumbone," ni ko Uhoraho avuze, "kandi nzobagarukana ndabakure mu kinyago. Nzobegeranya ndabakure mu mahanga n’ahantu hose aho nabangarije," ni ko Uhoraho avuze, "maze ndabagarukane hano aho nabakuye nkabajana mu kinyago."

Komere wongere ushire ubwoba. Witwararike kwumvira ivyagezwe vyose umusavyi wanje Mose yaguhaye; ntuzohengamire i buryo canke i bubamfu, ni ho uzoshobora kwama ushika ku ntumbero yawe aho uzoja hose. Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose. None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."

Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko,

"Imana igwanya abibona

ariko igirira ubuntu abicisha bugufi."

Nuko rero mwicishe bugufi, musi y’ikiganza c’Imana c’ubushobozi kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye.

Ndabandikiye mwebwe bana bato,

kuko muzi Data.

Ndabandikiye mwebwe bavyeyi,

kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango.

Ndabandikiye mwebwe rwaruka,

kuko mufise inkomezi,

kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu,

ndetse mwaranesheje wa mubi.

Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kurenza urugero mu vyokurya no mu vyo kunywa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.

Ni vyiza ko umuntu yikorera ingogo

igihe akiri muto.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-