O juízo final
O juízo final é a conclusão da história humana. Todos os seres humanos comparecerão diante do trono de Deus para o julgamento eterno — os salvos para a vida, os ímpios para a condenação.
O grande trono branco
Vi um grande trono branco e os mortos diante de Deus. Os livros foram abertos e cada um foi julgado segundo as suas obras.
Abapfuye bacirwa urubanza
Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka. Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birazingururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu. Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese acirwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze. Maze rupfu na kuzimu bitererwa mu kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri. Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.
Amajambo yo kurangiza
"Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.
Amajambo yo kurangiza
"Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze. Ndi Alufa na Omega, uwa Mbere n’uwa Nyuma, Intango n’Iherezo.
Ndiko ndaraba,
mbona intebe z’inganji zishirwa mu bibanza vyazo,
hanyuma mbona uwusa n’Umukurambere, araje aricara.
Impuzu ziwe, zarera derere,
umushatsi wiwe ugasa n’ubwoya bw’intama bwera;
Intebe yiwe yari igizwe n’imbeya z’umuriro,
iteretswe ku mapine yaka urubeya.
Ndiko ndaraba,
mbona intebe z’inganji zishirwa mu bibanza vyazo,
hanyuma mbona uwusa n’Umukurambere, araje aricara.
Impuzu ziwe, zarera derere,
umushatsi wiwe ugasa n’ubwoya bw’intama bwera;
Intebe yiwe yari igizwe n’imbeya z’umuriro,
iteretswe ku mapine yaka urubeya.
Kandi uruzi rw’umuriro rwatemba
ruva imbere yiwe.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari ngaho bamukorera;
kandi ibihumbi cumi incuro ibihumbi cumi bari bahagaze ngaho bamushengereye.
Urubanza ruratangura;
hanyuma ibitabu birazingururwa.
Benshi mu bari mu mva bapfuye, bazozuka, bamwe bazozukira ubugingo budashira, abandi na bo bazukire ibimaramare n’ibiteterwe vy’ibihe bidashira. Abagize ubwenge bazokwakaka nk’umuco wo kw’ijuru, kandi abashikanye benshi ku kugororoka bazokwakaka nk’inyenyeri ibihe bidashira.
Preparação para o juízo
Deus estabeleceu um dia para julgar o mundo com justiça. Arrependei-vos, porque o juízo se aproxima e cada palavra será pesada.
kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje umuntu yagenye. Ivyo Imana yabigaragaje mu maso ya bose mu kumuzura imukuye mu bapfuye."
Ariko ndababwira ko ku musi w’imanza, umuntu wese azobazwa ijambo ryose ritagira ikimazi yavuze. Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda canke utsindwa n’urubanza."
Umugani w’impene n’intama
Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji. Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene. Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubamfu.
Umugani w’impene n’intama
Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji. Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene. Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubamfu.
Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa. Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro, nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’
Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa? Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika? Twakubonye ryari ugwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?’
Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’
Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe. Kuko nari nshonje ariko ntimwampa ivyokurya, nari nyotewe ntimwampa ico kunywa, nari ingenzi ntimwampa indaro, nagenda gusa ntimwanyambika, naragwaye nja no mw’ibohero ntimwaza kundaba.’
Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke ugwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’
Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’
Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira."
Kuko Imana izoshira mu rubanza igikorwa cose,
harimwo n’ibintu bihishijwe vyose,
ari bibi canke ari vyiza.
Nariyumviriye mu mutima wanje nti:
"Imana izoshira mu rubanza
abagororotsi n’abanyakibi,
kuko hazoba igihe c’ikintu cose,
igihe c’urubanza ku gikorwa cose."
Ni co gituma, yemwe Bisirayeli, nzobacira urubanza ruhwanye n’ingeso zanyu, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Niwihane! Va mu vyaha vyawe vyose; ni ho ivyaha vyawe bitazoba inyanduruko yo kuranduka. Nimute kure ibicumuro vyanyu mwakoze, muhabwe umutima musha n’impwemu nsha. Ni igiki gituma mugomba gupfa, yemwe bantu ba Isirayeli?" Sinezerezwa n’urupfu rw’umuntu n’umwe, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Nimwihane, mubone kubaho!
Segurança em Cristo
Quem crê no Filho tem a vida eterna e não entra em juízo. O amor de Deus é nosso refúgio diante do juízo vindouro.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira. Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we. Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana. Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.
Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira. Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ivy’ukugororoka hamwe n’ivy’urubanza. Ivy’icaha kuko banse kunyizera. Ivy’ukugororoka, kuboneka kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona. Ivy’urubanza, kuko umutware w’iyi si yamaze gutsindwa n’urubanza.
Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo.
Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we. Kandi uko tuba mu Mana, urukundo rwacu rurushiriza kuba urwuzuye. Ivyo bituma tutazogira ubwoba ku musi w’imanza, kuko muri ino si tubayeho nk’uko Yesu Kristo yabayeho. Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.
Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.
Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.
Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza, ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.
Kuko,
"Hasigaye igihe gito,
uwugira aze azoza,
kandi ntazoteba."
Kandi,
"Umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera.
Ariko niyasubira inyuma,
ntazohimbara umutima wanje."
Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.
Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe. Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro. Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma. Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.
Ivyaremwe vyose nibinezererwe imbere y’Uhoraho, kuko aje,
aje gucira isi urubanza.
Azocira abari mw’isi imanza mu bugororotsi
N’amahanga azoyacira imanza mu kuri kwiwe.
Este artigo te tocou? Faça uma oração!
+581 estão orando agora.
Junte-se à corrente de oração.