Pular para o conteúdo
Publicidade

Justiça

Por Bíblia Online

A justiça é atributo de Deus e vocação do cristão. A Bíblia chama os crentes a buscar a justiça, praticar o que é reto e confiar no Deus que julga justamente.

Buscar a justiça

Buscai primeiro o Reino de Deus e a sua justiça. Quem semeia justiça colherá galardão seguro e duradouro.

Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.

Umunyakibi aronka impera zitari zo,

ariko uwurima ukugororoka yimbura impera nyazo.

Uwukurikirana kugororoka no kugira urukundo

aronka ubuzima, kugubwa neza n’icubahiro.

Gukora ibigororotse n’ibibereye

ni vyo vyemerwa nUhoraho gusumba ibimazi.

Umuntu yama yibwira ko ingeso ziwe ari nziza,

ariko Uhoraho ni we asesa imitima.

Ubutunzi buvuye mu kwiba ntiburamba,

ariko ubugororotsi bukiza umuntu urupfu.

Justiça em Cristo

Deus tornou Cristo a nossa justiça. Pela fé somos declarados justos diante de Deus — não por obras, mas pela graça.

Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura, ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.

Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,

Impanuro ya nyuma

Ariko wewe muntu w’Imana, hunga ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza.

Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.

Ntimuhendwe: Imana nticokorwa. Ico umuntu abiba ni co azokwimbura.

Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutava ku gikorwa.

Praticar a justiça

O fruto da justiça semeia-se em paz para os que promovem a paz. Os olhos do Senhor estão sobre os justos.

Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.

Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.

Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.

Kuko Uhoraho akunda uwutunganye

kandi ntazohemukira abizigirwa biwe.

Abakora ibibi bazohona rwose;

uruvyaro rw’umunyakibi ruzohona.

Inyonga zUhoraho ziri ku bagororotsi,

kandi amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo;

Ni ukuri abagororotsi ntibazokwigera banyiganyizwa;

bazokwibukwa ibihe vyose.

Hahiriwe umuntu

adakurikiza impanuro z’abanyakibi,

ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,

canke ngo yicarane n’abacokoranyi,

Nzokuronderana umutima wanje wose;

ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.

Consequências

O Senhor recompensará cada um segundo suas obras. A justiça exalta a nação e traz segurança aos que a praticam.

Imana "izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze."

Mwirinde ntihagire uwusubiza inabi mugenziwe, ahubwo mwame murondera kugiriranira ineza hagati yanyu no ku bandi.

Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. "Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu."

Kandi nimwagirira neza ababagirira neza gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibabigenza batyo?

Kwihutira gusezeranira Imana bita mu mutego,

kuko amara kurahira hanyuma akicuza.

Seja o primeiro

Este artigo te tocou? Faça uma oração!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.