Mudança de vida
A mudança de vida é possível em Cristo. Não importa o passado, qual foi o erro ou quão fundo a queda — Deus renova, restaura e transforma completamente aquele que se volta para Ele.
Nova vida em Cristo
Se alguém está em Cristo, nova criação é. Deus nos dá coração novo, mente renovada e esperança para o futuro.
Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.
Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,
umpe umutima ushikamye.
Ntunyirukane mu nyonga hawe
canke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.
Nsubiza umunezero w’agakiza kawe
umpe umutima ufise ishaka ryo kukwumvira.
None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara. Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.
si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.
Passos para a transformação
A mudança começa com confissão, fé e decisão. Deus é fiel para perdoar e completar a boa obra que começou em nós.
Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.
Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka. Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.
Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.
Coragem para mudar
Não temas, porque Deus está contigo. Ele nos fortalece para sermos sal da terra e nos dá palavras que edificam e transformam.
Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."
Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawuhonyanga.
Ntihakagire ijambo ribi riva mu kanwa kanyu, ahubwo muvuge amajambo meza yubaka abandi mu vyo bakeneye, kugira ngo agirire akamaro abayumva.
Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi. Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho. None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’ab’iki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.