Reconhecer
Reconhecer a Jesus como Senhor é o fundamento da fé cristã. A confissão de fé é o ato de declarar publicamente quem Jesus é e a quem pertencemos.
Confissão e salvação
Se confessarmos com a boca que Jesus é Senhor e crermos no coração que Deus o ressuscitou, seremos salvos.
Niwaturisha akanwa kawe ko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima wawe ko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.
Kuko umuntu yizeye mu mutima aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kandi iyo yatuye n’akanwa kiwe bituma akizwa.
Ivyanditswe Vyera bivuga biti:
" ‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Uhoraho avuze,
‘amavi yose azompfukamira;
n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ "
kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami,
kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.
Reconhecer a fé
Reconhecer a Jesus é um ato de coragem e compromisso. Quem o confessar diante dos homens, Ele confessará diante do Pai.
Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.
Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.
Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi.
Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa.
Reconhecer o pecado e a bondade de Deus
Reconhecer nossos pecados é o caminho para o perdão. E reconhecer que o Senhor é nossa porção nos dá esperança inabalável.
Ni kuko nakwemereye icaha canje
sinanyegeza ukugabitanya kwanje.
Naravuze nti: "Ndaturira Uhoraho
ukugabitanya kwanje."
Nawe wampariye
ugucumura kwanje.
Ndibwira muri jewe nti: "Uhoraho ni we mugabane wanje;
ni co gituma nzomwitega."
Uwo Mwami w’ubwiza ni nde?
Ni Uhoraho Mushoboravyose;
ni we Mwami w’ubwiza.