Publicidade

Salvação

Por Bíblia Online

A salvação é a obra suprema de Deus. Pela graça, mediante a fé, somos salvos — não por obras, para que ninguém se glorie. É o presente mais precioso que a humanidade pode receber.

A salvação pela graça

A salvação é dom de Deus, não resultado de esforço humano. Somos justificados pela fé em Cristo Jesus e reconciliados com Deus pelo seu amor.

Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana. Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.

yaradukijije, atari kubera twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha bwo muri Mpwemu Yera.

Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,

Kuko Jewe Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni. Ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.

Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana.

Gupfira umugororotsi bisanzwe bigoye; naho womenga birumvikana ko hatobura uwemera gupfira umuntu w’intungane. Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.

Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.

O caminho da salvação

Quem confessa Jesus como Senhor e crê em sua ressurreição será salvo. A fé em Cristo é o único caminho para a salvação.

Niwaturisha akanwa kawe ko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima wawe ko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa. Kuko umuntu yizeye mu mutima aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kandi iyo yatuye n’akanwa kiwe bituma akizwa.

Kuko umuntu yizeye mu mutima aca yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kandi iyo yatuye n’akanwa kiwe bituma akizwa.

Baramwishura bati: "Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe."

Baramwishura bati: "Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe."

Nta wundi agakiza karonkerwamwo, atari we, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo."

Kandi umuntu wese

azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.

Yesu aramwishura ati: "Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.

Nova vida em Cristo

Quem está em Cristo é nova criação. A salvação não é apenas perdão, mas transformação completa — de dentro para fora, para a glória de Deus.

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.

Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri."

Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru.

Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.

Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.

Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.

Segurança eterna

O crente tem a certeza da salvação. Ninguém pode arrebatar da mão de Deus aqueles que Ele chamou, justificou e glorificou.

Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa rubi. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko.

Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we."

Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura, kuko ku bw’ukwizera kwanyu, muzoronka agakiza k’ubugingo bwanyu.

Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.

A salvação presente e futura

A salvação é passada (justificação), presente (santificação) e futura (glorificação). Deus nos salva, nos guarda e nos conduz à vida eterna.

Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,

Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.

ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.

Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.

Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima.

Nada é impossível para Deus

Aos homens é impossível, mas para Deus tudo é possível. Ele deseja que todos sejam salvos e cheguem ao conhecimento da verdade.

Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu, ntibishoboka; ariko ku Mana, vyose birashoboka."

Yesu arabishura ati: "Ibidashobokera abantu bishobokera Imana."

Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye."

Kuko Umwami yari yadutegetse ati:

Nagushiriyeho kuba umuco ku Banyamahanga,

kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi."

Irembo ryaga n’irembo ryagutse

Muce mw’irembo ryaga. Kuko irembo ryagutse n’inzira yagutse bijana mu mahonero, kandi abantu benshi ni ho baca. Ariko irembo ryaga n’inzira ntoya ni vyo bijana mu bugingo, kandi ababihitamwo ni bake.

Mbega ntimuzi ko inkozi z’ibibi zitazoragwa Ubwami bw’Imana? Ntimukibeshe: abihumanisha ibijanye n’ibitsina, abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo bihindura abagore mu bumaraya, abahuza ibitsina n’abafise ibisa n’ivyabo, abasuma, ingunge, imborerwa, abavuga nabi abandi, n’abambuzi ntibazoragwa Ubwami bw’Imana.

Yesu aca avuga ati: "Igire, ukwizera kwawe kuragukijije." Ubwo nyene aca arahumuka, akurikira Yesu.

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni Zaburi ya Dawidi.

Ni ukuri umutima wanje uruhukira mu Mana;

agakiza kanje kava kuri yo.

Agakiza kawe kabaye inkinzo yanje,

kandi ukuboko kwawe kw’i buryo ni kwo kunshigikiye;

ubushobozi bwawe ni bwo bwangize uwuhambaye.

Wanteguriye inzira ncamwo yagutse,

kugira ngo ibirenge vyanje ntibinyerere.

Naho umusukoni wanje utoshurika,

inzabibu zanje ntizame,

naho umwimbu wa elayo worumba

imirima ntigire ico yera,

naho intama zohera mu rugo,

umukuku ugahera mu ruhongore,

nzonezererwa Uhoraho,

nzohimbarirwa Imana y’agakiza kanje.

Kuko uri uw’agaciro, ukaba umwubahwa mu nyonga zanje;

kandi kubera ko nagukunze,

nzotanga abantu ku bwawe,

n’amahanga ku bw’ubuzima bwawe.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-