Santidade
A santidade é o chamado supremo de Deus para o seu povo. 'Sede santos, porque eu sou santo' — essa ordem ressoa por toda a Escritura, convidando-nos a uma vida separada para Deus.
O chamado à santidade
Deus nos escolheu antes da fundação do mundo para sermos santos. A santificação é sua vontade expressa e nosso destino em Cristo.
Ahubwo, nk’uko Imana yabahamagaye ari iyera, namwe mube abera mu ngeso zanyu zose, kuko n’Ivyanditswe bivuga ngo: "Mube abera nk’uko nanje ndi uwera."
Ahubwo, nk’uko Imana yabahamagaye ari iyera, namwe mube abera mu ngeso zanyu zose, kuko n’Ivyanditswe bivuga ngo: "Mube abera nk’uko nanje ndi uwera."
Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,
Ico Imana igomba ni uko mubaho mwejejwe, muri kure y’ivyaha vy’ubusambanyi. Kandi ni uko umwe wese muri mwebwe abaho aganza umubiri wiwe, yejejwe kandi yihesha agateka, mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana. Kandi muri ivyo vyose, ntihakagire uwugirira nabi mwene Se canke ngo amugunge, kuko Umwami azohana ivyaha nk’ivyo vyose nk’uko twari tumaze kubibabwira no kubibaburirako. Imana ntiyaduhamagariye kuba abahumanye, ariko ishaka ko tugira ubuzima bwejejwe.
Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,
O Deus santo
O Senhor é santo em toda a sua natureza. O universo testemunha sua santidade, e os anjos proclamam: Santo, Santo, Santo.
Ariko uri Uwera, uvyagiye ku ntebe y’ubwami;
uri mu mashimwe ya Isirayeli.
Nta wera nk’Uhoraho;
nta wundi yoboneka i ruhande yawe;
nta Gitandara gihwanye n’Imana yacu.
Kuko uwushizwe hejuru cane, aravuze
uwuhoraho ibihe vyose, akitwa uwera:
avuze ati: "Mba hejuru, kandi hera,
ariko kandi mbana n’uwufise umutima umenetse,
yicishije bugufi,
kugira ngo mpembure imitima iciye bugufi,
n’imitima imenetse.
Uko ni ko nzokwerekana ubukuru bwanje n’ukwera kwanje, kandi nzokwimenyekanisha imbere y’amahanga menshi. Ni ho bazomenyera ko ndi Uhoraho.’ "
Nzokwerekana ukwera kw’izina ryanje rihambaye, iryo mwahumanirije mu yandi mahanga. Kandi ninagaragaza ukwera kwanje imbere yabo ndabicishije kuri mwebwe, bazomenya ko ndi Uhoraho, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.
A prática da santidade
A santidade se expressa em pensamentos puros, ações corretas e separação do pecado. É um processo contínuo de purificação e dedicação a Deus.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.
None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.
Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.
Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.
None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.
Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo.
Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.
Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.
Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo; ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato; hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.
Kera mwari kure y’Imana kandi mwari abansi bayo mu vyiyumviro vyanyu no mu bikorwa vyanyu bibi. Ariko ubu yariyujuje namwe mu mubiri wa Kristo biciye mu rupfu rwiwe, kugira ngo ibashikane imbere yayo mwejejwe, mutagira agatosi kandi ata n’ico mwogawa, nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.
A Palavra que santifica
Jesus disse: 'Santifica-os na verdade; a tua palavra é a verdade.' A Bíblia é o instrumento de Deus para nos purificar e transformar.
Bezeshe ukuri; ijambo ryawe ni ryo kuri.
Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?
Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Nsesa, ewe Mana, umenye umutima wanje;
ungeze umenye ivyiyumviro vyanje.
Raba ko hoba hari inzira y’icaha iri muri jewe,
kugira ngo undongorere mu nzira y’ibihe bidashira.
Mutima wanje, himbaza Uhoraho;
namwe bimbamwo mwese, nimuhimbaze izina ryiwe ryera.
Templo do Espírito Santo
Nosso corpo é templo de Deus. Devemos honrá-lo com santidade, guardando mente e coração e buscando a semelhança com Cristo.
Mbega ntimuzi ko muri urusengero rw’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?
Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe no kuba muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:
Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:
Nimba hari ukuremeshwa muronkeshwa no kuba muri Kristo, nimba hari ukwirurwa kuva mu rukundo rwiwe, nimba hari ugufatanya hagati yanyu kuva muri Mpwemu, nimba hari ubugwaneza n’impuhwe hagati yanyu, nimwuzuze umunezero wanje mu kugira umutima umwe n’urukundo rumwe, muhuje umutima n’inama mu vyiyumviro no mu ntumbero. Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere. Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:
We, naho yari Imana,
ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.
Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe,
yambara ishusho y’umugurano,
acika uwusa n’abantu.
Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,
yicisha bugufi,
aragamburuka gushika no ku rupfu,
mbere urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru cane,
imuha izina rirengeye ayandi mazina yose
kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame,
ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,
kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami,
kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.
Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo, kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.
Mukore vyose mutidodomba kandi mudaharira, kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru. Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa. Mbere n’aho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’uko ibinyobwa bisukwa kw’ishikanwa, iryo naryo akaba ari ibikorwa vyanyu biva mu kwizera, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese. Ni vyo bikwiye, na mwebwe nyene mukwiye kunezeranwa nanje.
Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu. Nta wundi n’umwe mfise abitwararitse vy’ukuri nka we. Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo. Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi. Nizigiye kuzoca ndamubarungikira maze kubona uko ivyanje bizoba bigiye kumera. Kandi nanje nizeye ko Umwami azonshoboza kubagendera vuba.
Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye. Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yagwaye. Ni vyo yaragwaye ahakwa no gupfa, ariko Imana yamugiriye ubuntu nk’ubwo yangiriye, kugira ngo sinicwe no kugira umubabaro ukuranwa n’uwundi. Ni co gituma nezerewe cane no kumubarungikira, kugira ngo nimwamubona muze munezerwe, nanje nsubize umutima mu nda ku bwanyu. Mumwakire mu Mwami n’umunezero mwinshi, mumuhe icubahiro kibereye abantu nka we, kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.
Nuko rero nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!
Nta wudomeka itara hanyuma ngo aryubikeko igiseke canke ngo arinyegeze musi y’uburiri. Ahubwo aritereka ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu.
Nimurondere ivyiza, aho kurondera ibibi,
kugira ngo mubeho.
Maze Uhoraho Imana Mushoboravyose azobana namwe,
nk’uko mubivuga ko abana namwe.
Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,
kandi kumenya Uwera ni kwo gutahura.
Kwihutira gusezeranira Imana bita mu mutego,
kuko amara kurahira hanyuma akicuza.
Mumbere abera kuko jewe, Uhoraho, ndi uwera, kandi nabatoranije mu yandi mahanga ngo mumbere ihanga niharije.
Mumbere abera kuko jewe, Uhoraho, ndi uwera, kandi nabatoranije mu yandi mahanga ngo mumbere ihanga niharije.
Mwitange mube abera, kuko ndi Uhoraho Imana yanyu.
Nimuririmbire Imana, nimuririmbe mushima izina ryiwe,
mutegure inzira y’uwugendera ku bicu;
nimunezererwe imbere yiwe; izina ryiwe yitwa Uhoraho.
Ni we se w’impfuvyi, uwutabara abapfakazi,
ni Imana iba ahera hayo.